Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




1 Petero 2:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Kandi ngo: “Ni ibuye ritsitaza, n’urutare rugwisha.” Batsitara kuko batumvira ubutumwa bari barateguriwe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 N’ibuye ritsitaza n’urutare rugwisha; kuko batsitara kw ijambo ry’Imana, bataryumvira: kandi ni co bāshiriweho.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




1 Petero 2:8
16 Iomraidhean Croise  

Nuko Simeyoni arabahezagira, maze abarira Mariya ati: “Uwu mwana ashizweho kugira ngo, muri Isirayeli, abantu benshi bagwe, abandi bavyuke. Azoba ikimenyetso kivuye ku Mana, ariko benshi bazomugwanya.


N’Imana na yo, naho ifise uburenganzira bwo kwerekana uburake n’ubushobozi bwayo, irihanganira cane abantu bategerezwa kurandurwa n’uburake bwayo.


Ariko tweho twigisha Kristo yabambwe: uwo ni igitsitaza ku Bayuda, n’ubujuju ku Banyamahanga.


Ku bariko baraja mu mahonero turi umunuko w’urupfu, ariko ku bariko barakizwa turi akamoto k’ubuzima. Mbega ni nde abereye gukora igikorwa nk’iki?


Bene Data, nimba ngishishikara kwigisha ivyo gukebwa nk’uko bamwe babivuga, kubera iki noba nkiriko ndahamwa? Iyo mba ntacigisha agakiza kava ku musaraba wa Kristo, nta n’umwe biba bitsitaza.


Kuko Imana itadushiriyeho kuzorakirwa na yo, ariko yadushiriyeho kuronka agakiza mu Mwami wacu Yesu Kristo.


Nk’uko Ivyanditswe bivuga ngo: “Raba ndashira i Siyoni ibuye rigumya imfuruka, ry’igiciro kandi ryatoranijwe, uwumwizera ntazokwigera amaramara.”


Kuri mwebwe abizera, iryo buye rifise igiciro kinini; ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka. Ariko ku batizera bo, handitswe ngo: “Ibuye abubatsi bagaye ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka.”


Mu gukunda amaronko kwabo, bazobakuramwo inyungu bakoresheje amajambo y’uruhendo. Igihano cabo carateguwe kuva kera, kandi uguhona kwabo ntigutevye.


Ibi ndabivuze kuko hari abantu batubaha Imana binjiye muri mwebwe binyegeje, bakigisha ko ubuntu bw’Imana butwemerera kugendera mu buhumbu. Igihano c’abantu nk’abo cari caravuzwe mu Vyanditswe kuko bahakana Yesu Kristo, ari we Databuja wenyene n’Umwami.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan