Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




1 Petero 2:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Nimwegere Umwami, ni we buye rifise ubugingo ryagawe n’abantu ariko ryatoranijwe n’Imana.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Nuko mumwēgēre, ari we buye rifise ubugingo, ryagawe n’abantu, ariko ku Mana ryaratoranijwe, riri n’igiciro,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




1 Petero 2:4
31 Iomraidhean Croise  

Nimuze kuri jewe mwese abarushe n’abaremerewe n’imitwaro, ndabaruhura.


“Ng’uwu umukozi wanje natoranije, uwo nkunda kandi umutima wanje unezerererwa. Nzomushirako Mpwemu wanje, na we azomenyesha amahanga ivy’ubutungane.


Yesu aca ababwira ati: “Nta ho murasoma mu Vyanditswe havuga ngo: ‘Ibuye abubatsi bagaye ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka; ibi Uhoraho ni we yabikoze, kandi ni igitangaza mu maso yacu?’


Hasigaye igihe gito isi ntisubire kumbona, ariko mwebwe muzombona, kandi ko ndiho, namwe muzobaho.


Yesu aramwishura ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta n’umwe ashobora gushika kwa Data atanciyeko.


Nk’uko Data afise ubugingo muri we, ni ko yahaye Umwana kugira ubwo bugingo muri we.


yamara ntimushaka kuza aho ndi ngo muronke ubwo bugingo.


Ariko abo Data yampaye bose, bazoza aho ndi kandi sinzokwigera ndabirukana.


Data yantumye ni muzima kandi ndiho ku bwiwe; ni ko n’uwundya na we azobaho ku bwanje.


Kuko nimba Imana yaduhaye kwuzura na yo biciye mu rupfu rw’Umwana wayo tukiri abansi bayo, ntidukekeranya ko, ubu tumaze kwuzura na yo, tuzokizwa n’ubugingo bwiwe.


Kuko ata wushobora gushiraho urundi rufatiro atari urwo nashizeho, ari rwo Yesu Kristo.


Aho Kristo, we bugingo bwanyu azoserukira, namwe muzoserukana na we muri mu bwiza.


ahubwo ni amaraso y’igiciro kinini ya Kristo, Umwagazi w’intama w’Imana utagira icaha canke umugayo.


Iyo mibabaro iriho kugira ngo ipime ukwizera kwanyu yerekane ko ari ukw’ukuri. Kurya inzahabu ishira igeragereshwa umuriro kugira ngo igaragare ko ari iy’ukuri, ni ko biri no ku kwizera kwanyu. Gufise agaciro kanini cane kurusha ak’inzahabu, ni co gituma gupimwa kugira ngo nikwamara kurama, kuze kubazanire ubwiza, gushimwa n’icubahiro ku musi Yesu Kristo azohishurirwa isi yose.


Kuri mwebwe abizera, iryo buye rifise igiciro kinini; ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka. Ariko ku batizera bo, handitswe ngo: “Ibuye abubatsi bagaye ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka.”


Jewe Simoni Petero, umukozi n’intumwa ya Yesu Kristo, Ndabandikiye mwebwe mwakiriye ukwizera kw’agaciro nk’ukwacu biciye mu kugororoka kw’Imana yacu n’Umukiza Yesu Kristo:


Ni muri ivyo nyene yaduhereye amasezerano yiwe ahambaye kandi y’agaciro kanini, kugira ngo muri vyo namwe mugire akamere k’Imana ngo muhunge muve mu kwononekara kw’iyi si kwazanywe n’ivyipfuzo bibi.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan