1 Petero 2:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe4 Nimwegere Umwami, ni we buye rifise ubugingo ryagawe n’abantu ariko ryatoranijwe n’Imana. Faic an caibideilBibliya Yera 1951 1967 (Burundi)4 Nuko mumwēgēre, ari we buye rifise ubugingo, ryagawe n’abantu, ariko ku Mana ryaratoranijwe, riri n’igiciro, Faic an caibideil |
Iyo mibabaro iriho kugira ngo ipime ukwizera kwanyu yerekane ko ari ukw’ukuri. Kurya inzahabu ishira igeragereshwa umuriro kugira ngo igaragare ko ari iy’ukuri, ni ko biri no ku kwizera kwanyu. Gufise agaciro kanini cane kurusha ak’inzahabu, ni co gituma gupimwa kugira ngo nikwamara kurama, kuze kubazanire ubwiza, gushimwa n’icubahiro ku musi Yesu Kristo azohishurirwa isi yose.