Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




1 Petero 2:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Mumere nk’abana bato b’inzoya, mwipfuze kandi murondere kunywa amata y’impwemu atavanze, kugira ngo abakuze mu gakiza,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 mumere nk’inzoya zivutse vuba, mwifuze amata y’umutima adafunguye, kugira ngw abakuze abashitse ku gakiza;

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




1 Petero 2:2
21 Iomraidhean Croise  

Hanyuma ababwira ati: “Ndababwire ukuri, mudahindutse ngo mumere nk’abana bato, ntimuzokwigera mwinjira mu Bwami bw’ijuru.


Maze Yesu arababwira ati: “Nimureke abana baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubw’abameze nka bo.”


Ndababwire ukuri, umuntu wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana muto ntazokwigera abwinjiramwo.”


Ndababwire ukuri, umuntu wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana muto ntazokwigera abwinjiramwo.”


Ivyo bivuga ko twapfuye hanyuma tugahambanwa na we mu kubatizwa, kugira ngo, nk’uko yazuwe mu bapfuye n’ubushobozi bw’ubwiza bwa Data, abe ari ko natwe tubaho mu bugingo bushasha.


Bene Data, ntimube nk’abana bato mu gutahura ibi. Mube abana bato ku bijanye n’icaha, ariko mube nk’abakuze mu gutahura ibintu nk’ibi.


Muri we inyubakwa yose irafatanywa neza ikaduga kugira ngo ibe urusengero rwejejwe mu Mwami.


Ahubwo, tuzovuga ukuri mu rukundo, dukure mu buryo bwose, kugeza dushike ku gusa na Kristo, we mutwe w’umubiri ari ryo shengero ryiwe.


Bene Data, birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, kuko ukwizera kwanyu kubandanya gukomera, kandi n’urukundo mugiriranira hagati yanyu na rwo rukaba ruguma rugwira.


Ubu mwaravutse ubwa kabiri, ntimwavukiye ubuzima bw’akanya gato. Ubuzima bwanyu bushasha ni ubw’ibihe bidashira kuko buva ku mbuto itabora, ari ryo jambo rizima ry’Imana rihoraho.


Ariko mukurire mu buntu no mu kumenya neza Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo. Icubahiro kibe iciwe uhereye ubu n’ibihe bidashira! Amen.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan