Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




1 Petero 2:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Kera ntimwari ubwoko, ariko ubu muri ubwoko bw’Imana, kera ntimwari bwagirirwe imbabazi, ariko ubu mwarazigiriwe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 kera nta bantu mwarimwo, ariko noneho mur’ abantu b’Imana; kera ntimwaribgagirirwe imbabazi, ariko noneho mwarazigiriwe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




1 Petero 2:10
10 Iomraidhean Croise  

Nkongera nkabaza: Mbega Abisirayeli ntibigeze baritahura? Egome cane bararitahuye, kuko Mose ari we yabanje kuvuga ati: “Nzobateza kwipfuza ivy’abantu batari babereye no kwitwa ihanga; ndabateze kugirira ishari ihanga ritagira n’ugutahura.”


nk’uko namwe abanyamahanga mwigeze kuba mu mugararizo, mutumvira Imana, ariko ubu mukaba mwaragiriwe imbabazi kubera Abisirayeli bagararije.


Ku vyerekeye abatararongorwa, nta bwirizwa nahawe n’Umwami, ariko ndababwira ico niyumvira nk’umuntu w’umwizigirwa yagiriwe ubuntu n’Umwami.


Naho nabanje kumuvugako ibibi, ngahama ishengero, nkaba umucokoranyi, naragiriwe imbabazi kuko nabikora mu kutamenya, no mu kutizera.


Nuko muze twegere intebe y’Imana y’ubuntu dushize amanga, kugira ngo twakire imbabazi, turonke n’ubuntu vyo kudufasha mu gihe gikwiye.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan