Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




1 Petero 1:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Iyo mibabaro iriho kugira ngo ipime ukwizera kwanyu yerekane ko ari ukw’ukuri. Kurya inzahabu ishira igeragereshwa umuriro kugira ngo igaragare ko ari iy’ukuri, ni ko biri no ku kwizera kwanyu. Gufise agaciro kanini cane kurusha ak’inzahabu, ni co gituma gupimwa kugira ngo nikwamara kurama, kuze kubazanire ubwiza, gushimwa n’icubahiro ku musi Yesu Kristo azohishurirwa isi yose.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 kugira ngo kuramura kw’ukwizera kwanyu (kand’ ukwo kwizera kurusha igiciro izahabu ishira, nah’ ivugutirwa mu muriro ikaramura) kuze kuboneke kuri n’ishimwe n’ubgiza n’icubahiro mu guhishurwa kwa Yesu Kristo.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




1 Petero 1:7
53 Iomraidhean Croise  

Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, mu gihe c’isi nsha, aho Umwana w’Umuntu azokwicarira ku ntebe yiwe y’icubahiro, mwebwe mwankurikiye, muzoba mwicaye ku ntebe cumi na zibiri, mucira imanza imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli.


Shebuja aramwishura ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!’


Shebuja aramwishura ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!’


Nimugurishe ivyo mutunze, mubihe aboro. Mwironderere imifuko ibika amahera itazoshira, n’ubutunzi budahera bwo mw’ijuru, aho abasuma badashika, n’imiswa itazobwonona.


Ni ko bizoba no ku musi Umwana w’Umuntu azohishurirwako.


Umuntu wese ashaka kuba umwigishwa wanje ategerezwa kunkurikira, kuko umukozi wanje ategerezwa kuba aho ndi. Kandi Data azoha icubahiro umuntu wese ankorera.


Mbega mwokwizera gute kandi murondera gushimana hagati yanyu, aho kurondera gushimwa n’Imana imwe rudende?


Petero aramwishura ati: “Amahera yawe aragapfana na we, kuko wibaza ko woshobora kugura ingabire y’Imana amahera.


Ariko abakora ivyiza, bazohabwa ubwiza, icubahiro n’amahoro biva ku Mana; uhereye ku Muyuda ukageza ku Munyamahanga.


Ahubwo Umuyuda w’ukuri ni umuntu afise umutima utunganye imbere y’Imana, kandi ugukebwa nyakuri ni ukwo mu mutima. Ico ni igikorwa ca Mpwemu w’Imana, si igikorwa c’Ivyagezwe. Umuntu nk’uwo ashimwa n’Imana aho gushimwa n’abantu.


Izoha ubugingo budashira abashishikara gukora ivyiza, bakagira umwete mu kurondera ubwiza, icubahiro no kudapfa bitangwa na yo.


kandi ivyaremwe vyose birindiranye igishika igihe Imana izohishura abana bayo.


Ariko umusi w’imanza uzogaragaza igikorwa c’umwe umwe wese kuko uzohishuranwa n’umuriro, kandi uwo na wo uzokwerekana agaciro k’igikorwa c’umuntu wese.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza igihe co guca imanza kitaragera; nimurindire gushika Umwami Yesu agarutse. Ni we azonyegurura ivyanyegejwe mu mwijima, yongere ashire ahabona ivyiyumviro vyo mu mitima y’abantu. Aho ni ho umuntu wese azohabwa n’Imana ishimwe rimukwiye.


Harahiriwe umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko inyuma y’ukugeragezwa, niyarama azohabwa igitsibo c’ubugingo Imana yasezeraniye abayikunda.


Nuko rero mwame mugavye kandi mwirinde. Ivyizigiro vyanyu vyose mubishire ku buntu muzohabwa igihe Yesu Kristo azohishurirwa.


Kandi biciye muri ukwo kwizera, murakingiwe n’ubushobozi bw’Imana, kugeza mushikiriye ako gakiza kateguwe kuzohishurwa mu gihe c’iherezo.


Nimwegere Umwami, ni we buye rifise ubugingo ryagawe n’abantu ariko ryatoranijwe n’Imana.


Kuri mwebwe abizera, iryo buye rifise igiciro kinini; ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka. Ariko ku batizera bo, handitswe ngo: “Ibuye abubatsi bagaye ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka.”


Bakundwa, ntimutangazwe n’uko muri mu muriro wo kubagerageza, nk’aho womenga mushikiwe n’ikintu kidasanzwe.


Ahubwo, mushimire Imana kuko muhawe gusangira na Kristo imibabaro yababajwe, kuko muzogira umunezero wuzuye niyahishurwa mu bwiza bwiwe.


Abarongozi b’ishengero bari muri mwebwe ndabinginga nk’umwe mu bo basangiye igikorwa, nkaba n’icabona c’imibabaro ya Kristo kandi nkaba niteze kuzosangira na we ubwiza buzohishurwa:


Jewe Simoni Petero, umukozi n’intumwa ya Yesu Kristo, Ndabandikiye mwebwe mwakiriye ukwizera kw’agaciro nk’ukwacu biciye mu kugororoka kw’Imana yacu n’Umukiza Yesu Kristo:


Ni muri ivyo nyene yaduhereye amasezerano yiwe ahambaye kandi y’agaciro kanini, kugira ngo muri vyo namwe mugire akamere k’Imana ngo muhunge muve mu kwononekara kw’iyi si kwazanywe n’ivyipfuzo bibi.


Nuko rero, bakundwa, ko murorereye ivyo, mugire umwete wo kuzosangwa mutagira umugayo, canke agasembwa imbere y’Imana mufitaniye amahoro na yo.


Imana irashoboye kubazigama ngo ntimurwe no kubashikana imbere y’ubwiza bwayo mutagira ico mwogawa kandi munezerewe cane.


“Ehe azananye n’ibicu,” kandi “amaso yose azomubona; n’abamucimise bazomubona,” kandi isi yose “izoboroga ku bwiwe.” Nibibe gutyo, Amen.


Ntuterwe ubwoba n’imibabaro ugiye gucamwo, kuko wa mubi agiye gushira bamwe muri mwebwe mw’ibohero kugira ngo akugerageze. Muzobabazwa imisi cumi. Ariko niwaguma mu bwizigirwa gushika ku gupfa, nzoguha igitsibo c’ubugingo.


Ko witondeye ibwirizwa ryanje ryo kwihanganira ibikugerageza, nanje nzokurinda ibihe vy’amagorwa bigiye kuza kw’isi yose kugerageza abayibako.


Ni co gituma ndaguhanura ngo ungureko inzahabu zivugutiwe mu muriro kugira ngo ube umutunzi. Ungureko imyambaro yera kugira ngo ufuke ubwambure bwawe buteye isoni, ungureko kandi n’umuti wo gusiga ku maso yawe kugira ngo ushobore kubona.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan