Zekariya 9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ivyago bizoba ku mahanga 1 Imbūri y’ijambo ry’Uhoraho yo ku gihugu c’i Haduraki, izoshinga ibande i Damasiko: kukw abantu bose, n’imiryango yose y’Abisirayeli, bahanze amaso Uhoraho; 2 irishinge n’i Hamati hahereranye na ho, bo n’i Tiro n’i Sidoni, nah’ ar’ abanyabgenge bginshi. 3 I Tiro biyubakiye igihome, bīrundira amafeza nk’umukungugu, bo n’amazahabu y’indobanurwa nk’ivyondo vyo mu nzira. 4 Yamar’ Umwami Imana azobakomvora, azoshiburira ububasha bgaho mu kiyaga, hatōngōrwe n’umuriro. 5 Ababa muri Ashikeloni bazobirāba batinye, n’ababa i Gaza na bo, bazoja mu kajembegete; kand’ ababa muri Ekuroni ivyo bari bishimiye bizobatītūkana; kand’ i Gaza bazobura umwami, no muri Ashikeloni abantu bazohashira. 6 Ikivyarwa ni co kizogazagaza muri Ashidodi, kand’ Abafilisitiya nzobamara amanyama. 7 Umufilisitiya nzomuhanagura amaraso mu kanwa, ndamukūre n’ibizira mu menyo; na we azoba indokorano ku Mana yacu, abe nk’umutware w’i Buyuda, kand’ uwo muri Ekuroni azoba nk’Umuyebusi. 8 Ingoro yanje nzoyisagaza impande zose, ndayibuze igitero, kugira ngo ntihagire ūhaca aja irya cank’ agaruka, kugira ng’ uwabatwaza ituntu ntiyongere kubaca hagati: kuko noneho mvyiboneye n’amaso yanje. Umwami w’amahoro 9 Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba. 10 Muri Efurayimu nzohaca imikogote, n’i Yerusalemu nzohaca amafarasi, kand’ imiheto y’intambara izocibga. Uyo azobgira amahanga ivy’ amahoro, kand’ ubgami bgiwe buzohēra ku kiyaga bushike ku kindi, buhēre no kuri rwa Ruzi bushike ku mpera y’isi. 11 Kandi nawe, kubg’ amaraso yashinze isezerano rya twe nawe, nanje nkubohoreye imbohe, ndazikūra mu rwobo rutagira amazi. 12 Ni muhindukirire igihome gikomeye, mwa mbohe ziri n’ivyizigiro: no kur’ uyu musi ndababgira ukuri yuko nzobashumbusha ibihetangabo kabiri. 13 Kuko mfoye Buyuda nk’umuheto, Efurayimu ndamushize mu ruge; kand’ abana bawe, Siyoni we, nzobateranya n’abana bawe Bugiriki we; nzoguhindura nk’inkota y’umuhizi. 14 Kand’ Uhoraho azoserukira hejuru yabo, umwampi wiwe wirase nk’umuravyo, kand’ Umwami Uhoraho azovuza inzamba, aje mu gihuhuta c’i bumanuko. 15 Uhoraho Nyen’ ingabo azobakīranira; bazoyogeza, basiribange amabuye atewe n’umugozi; bazoromozwa n’amaraso basāmūke nk’ababorewe vino: bazokwuzura amaraso nk’ inzavya, bahinduke nk’inkokora z’igicaniro. 16 Maz’ uwo musi Uhoraho Imana yabo azobakiza nk’umukuku, ni wo bantu biwe; kuko bazoba nk’utubuyenge two ku gitsibo, dukayanganira hejuru y’igihugu ciwe. 17 Ewe ineza yiwe ukuntu ari nyinshi, n’ubgiza bgiwe ukuntu ari bginshi! Ingano zizotera abasore itōto, n’umutobe wa vino utotahaze abigeme. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi