Zekariya 8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Imana isezeranira Yerusalemu agakiza 1 Ijambo ry’Uhoraho Nyen’ ingabo rinzako, 2 rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mfūhiye i Siyoni ifūhe ryinshi, mpafūhiye mfise uburake bginshi. 3 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ngarutse i Siyoni, ngerēre hagati y’i Yerusalemu; kandi Yerusalemu hazokwitwa Umurwa w’Umwizigirwa; kand’ umusozi w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzokwitwa Umusozi wera. 4 Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Hazoba igihe abatāma n’abatāmakazi bazokwongera kwiganamira ku bibuga vy’i Yerusalemu, umuntu wese azoba yishimikiza ikibando kubgo kwisāzira cane. 5 Kandi ku murwa hazoba huzuye abahungu n’abakobga bakinira ku bibuga vyo kuri wo. 6 Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Naho vyobera igikomeye amasigarira y’ubu bgoko azoba akiriho mur’ iyo misi, mbega nanje vyombera igikomeye? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo abaza. 7 Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Rāba, nzokiza abantu banje, mbakūre mu gihugu c’i burasirazuba no mu c’i burengerazuba, 8 nzobazana basagaze hagati muri Yerusalemu; bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo mu kuri no mu bugororotsi. 9 Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Amaboko yanyu n’akomere, yemwe abumva mur’ iyi misi amajambo yavuzwe n’abavugishwa nanje bārih’ umusi itanguriro ryashirwaho ry’ingoro yanje, jewe Uhoraho Nyen’ ingabo, ni rwo rusengero, kugira ngo rwubakwe. 10 Kukw iyo misi itarashika ata ngero zāboneka z’ibikorwa vy’umuntu canke z’ivy’ inka zirima, kandi nta mahoro k’ūwinjira n’ūsohoka kubg’ abarwanizi; kuko nateranije abantu bose, umuntu wese nkamuteranya na mugenzi we. 11 Ariko noneh’ amasigarira y’ubu bgoko sinzoyagirira nk’uko nabagiriye mu bihe vyashize, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. 12 Kuko nzobiba amahoro; umuzabibu uzokwama inzabibu zawo, isi yimbuke ivyimburo vyayo, ikirēre kizane ikime caco; ivyo vyose nzobiha amasigarira y’ubu bgoko k’umwandu. 13 Nuko, nk’uko mwari mu mahanga murik’ umuvumo, yemwe ab’ inzu ya Yuda, namwe ab’ inzu ya Isirayeli, ni ko nzobakiza, mubek’ umuhezagiro; ntimutinye, arikw amaboko yanyu n’akomere. 14 Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Nk’uko nagabiye kubagirira nabi, hamwe ba sogokuruza banyu bāndatsa, sinigarure, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, 15 ni ko no mur’ iyi misi ngabiye kugirira neza Yerusalemu n’inzu ya Yuda: nuko ntimutinye. 16 Ivyo mukwiye gukora n’ibi: Umuntu wese avugane ivy’ ukuri na mugenzi we, muce imanza ziroranye z’amahoro muri mu rukinja mu marembo yanyu: 17 ntihakagire n’umwe muri mwebge yīgīra imigabo mu mutima wiwe yo kugirira nabi mugenzi we: kukw ivyo vyose ari vyo nanka, ni k’Uhoraho agize. 18 Maz’ ijambo ry’Uhoraho Nyen’ ingabo rinzako, 19 rit’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Ukwisonzesha kwo mu kwezi kwa kane, n’ukwo mu kwa gatanu n’ukwo mu kw’indwi n’ukwo mu kw’icumi, kuzocikira inzu ya Yuda umunezero no guhimbarwa n’imisi mikuru y’akanyamuneza: nuko rero mukunde ukuri n’amahoro. 20 Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Hazoza amahanga azananye n’ababa mu bisagara vyinshi; 21 kand’ ababa mu gisagara kimwe bazoja mu kindi, bavuge bati Ni muze twihute tuje gusaba Uhoraho umugisha, dusiguze Uhoraho Nyen’ ingabo; natwe turajana. 22 N’ukuri koko abantu benshi n’amahanga akomeye bazoza gusiguza Uhoraho Nyen’ ingabo i Yerusalemu, no kumusaba umugisha. 23 Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mur’ iyo misi abantu cumi bazova mu mahanga y’indimi zidahwanye, bafate umutwe w’impuzu y’Umuyuda, bamubgire, bati Turajana, kuko twumvise yukw Imana iri kumwe namwe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi