Zekariya 6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ivy’ imikogote ine 1 Nuko nongera kwunamura amaso, mbona imikogote ine iturutse hagati y’imisozi ibiri; kand’ iyo misozi yar’ imiringa. 2 Umukogote wa mbere wakwegwa n’amafarasi y’utugajo; uwa kabiri wakwegwa n’amafarasi y’ imifyiri; 3 uwa gatatu wakwegwa n’amafarasi y’ibitare; uwa kane wakwegwa n’amafarasi y’ibibamba mu tugajo. 4 Nuko mbaza umumarayika twavugana, nt’ Ivyo bisobanurwa bite ga mugenzi? 5 Umumarayika aranyishura, at’ Ivyo n’imiyaga ine yo mw ijuru, ivuye gushengerera Nyen’ isi yose. 6 Umukogote ukwegwa n’amafarasi y’imifyiri ugiye mu gihugu c’i burārūko, ay’ ibitare arayakurikiye; ay’ ibibamba na yo agiye mu gihugu c’i bumanuko. 7 Ay’ utugajo araza, asaba kugendagenda mw isi yose; aravuga, ati Nuko ni mugende, mugendagende mw isi yose nyene. Nukw agendagenda mw isi yose. 8 Maz’ arampamagara, arambarira, ati Rāba, ariya agiye mu gihugu c’i burārūko yaruhuye umutima wanje ku vy’ico gihugu c’i burārūko. Zekariya abarirwa kwambika Yosuwa ibitsibo 9 Ijambo ry’Uhoraho rinzako, 10 rit’ Uze wākīrire amashikanwa abājanywe kw inyagano, ni bo Heludayi na Tobiya na Yedaya; uwo musi nyene uz’ uje kwa Yosiya mwene Zefaniya, ni ho bazoba bari, bavuye i Babuloni; 11 wākīre ifeza n’izahabu, ubigiremw’ ibitsibo, uvyambike umuherezi mukuru, Yosuwa mwene Yehozadaki, mu mutwe, 12 umubarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Eh’ umuntu yitwa Shami, azoshamika ahantu hiwe, kand’ azokwubaka urusengero rw’Uhoraho. 13 Koko ni we azokwubaka urusengero rw’Uhoraho, azogira icubahiro, kand’ azovyagira ku ntebe, aganze; kur’ iyo ntebe azohabera n’umuherezi; kandi bompi bazohuza inama zizana amahoro. 14 Kand’ ivyo bitsibo bizobera Helemu na Tobiya na Yedaya na Heni mwene Zefaniya icibutso mu rusengero rw’Uhoraho. 15 Kand’ abazoba bari kure bazoza bubake urusengero rw’Uhoraho; ni ho muzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo ari we yabantumyeko. Ivyo bizoshika ni mwagira umwete wo kwumvira ijwi ry’Uhoraho Imana yanyu. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi