Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zekariya 5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivy’ umuzingo w’igitabo uguruka

1 Nuko nongera kwunamura amaso, mbona umuzingo w’ igitabo uguruka.

2 Arambaza, at’ Ubona iki? Ndamwishura, nti Mbona umuzingo w’igitabo uguruka: uburebure bgawo n’amatambge mirongwibiri y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgawo n’amatambge cumi.

3 Arambarira, at’ Uwo n’umuvumo urekuwe ng’ ukwire isi yose: igihe uwiba wese yīrāye kirahāgije, kandi n’igihe ūrahira wese yīrāye kirahāgije.

4 Ndawurekuye, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, winjire mu nzu y’umusuma no mu nzu y’ūrahira izina ryanje ibinyoma; uzoguma hagati mu nzu y’ūmeze artyo, uyitikizanye n’ibiti n’amabuye biyubatse.


Ivy’ umugore ari mu citwa efa

5 Maz’ umumarayika twavugana yīgira imbere, arambarira, at’ Unamura amaso, urābe kirya kije ic’ ari co.

6 Ndabaza, nti Mbega n’igiki? Arambarira, ati Kirya n’ingero yitwa efa ije. Kand’ at’ Ivyo ni vyo bigabitanyo vyabo mu gihugu cose.

7 Maze ngize ntya, mbona umupfundikizo wacuzwe mw isāsu upfundururwa, mbona umugore yicaye muri efa imbere.

8 At’ Uyu ni we Bugarariji; maz’ amunyikiriza muri efa imbere, akubitirako ca cuma c’isāsu ku munwa wayo.

9 Maze nunamuye amaso, mbona abagore babiri baje, bakubebga n’umuyaga mu mababa yabo; kandi bāri bafise amababa nk’ay’ agasōza; baterura iyo efa, bayicana mu kirēre hagati y’isi n’ijuru.

10 Mbaza umumarayika twavugana, nt’ Irya efa bariya bayijanye hehe?

11 Aranyishura, ati Bagiye kumwubakira inzu mu gihugu c’i Shinari; ni yuzura, azoshirwa iyo, ahantu hiwe.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan