Zekariya 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ivya Yosuwa umuherezi mukuru 1 Maz’ anyereka Yosuwa umuherezi mukuru ahagaze imbere y’umumarayika w’Uhoraho, na Satani ahagaze i buryo bgiwe ngw amurege. 2 Umumarayika w’ Uhoraho abarira Satani, at’ Ewe Satani, Uhoraho aguhane: Uhoraho yirobanuriye Yerusalemu aguhane: mbeg’ uyo s’igishirīra cōkōwe mu muriro? 3 Kandi Yosuwa yari yambaye impuzu z’ubuhoma, ahagaze imbere y’ uwo mumarayika. 4 Uwo mumarayika araheza abarira abamuhagaze imbere, ati Ni mumwambure izo mpuzu z’ubuhoma. Maz’ abarira Yosuwa, ati Rāba ngukūyek’ ukugabitanya kwawe, kandi ngira nkwambike imyambaro ishajije. 5 Ndasaba, nti Ni bamwambike igitambara ciza mu mutwe. Nuko bamwambika igitambara ciza mu mutwe, bamwambika n’imyambaro, umumarayika w’Uhoraho ahagazeho. 6 Umumarayika w’Uhoraho yihanikiriza Yosuwa, 7 at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ni wagendera mu nzira zanje, ukitondera ivyo nakujeje, nawe uzogaba ivyo mu ngoro yanje, urinde n’urugo rwanje, kandi nzoguha ubgishikira hagati mur’ aba bahagaze hano. 8 Umve none, yewe Yosuwa umuherezi mukuru, mwe na bagenzi bawe bicara imbere yawe; kukw abo ar’ abantu bo kwerekana ibizoba: kuko rāba, nzozana umushumba wanje Shami. 9 Ehe rāba ibuye nshize imbere ya Yosuwa: kur’ iryo buye rimwe harikw amaso ndwi; ehe nzoricakw amagarwe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kand’ ukugabitanya kw’ico gihugu nzogukūrah’ umusi umwe. 10 Kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, muzotumiranira, musi y’umuzabibu no musi y’umusukoni, umuntu wese na mugenzi we. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi