Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zekariya 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yerekwa ko Yerusalemu hazosubira kwubakwa

1 Maze nunamuye amaso mbona umuntu afise mu minwe umugozi wo kugera.

2 Ndamubaza, nt’ Uroye hehe? Arambarira, ati Ngiye kugera Yerusalemu, ngo ndābe amakika n’amadūga vyaho uko bireha.

3 Maz’ umumarayika twavugana yīgira imbere, umumarayika wundi aza kumusanganira:

4 aramubarira, at’ Irukanga, ubgire uwo musore, ut’ I Yerusalemu hazosubira gusagaza abantu nk’ibisagara bitazitiriwe, kukw abantu n’amasho bizohaba ari vyinshi.

5 Kukw ari jewe nzohabera uruzitiro rw’umuriro ruhakikije, ni k’Uhoraho agize, kandi nzohabera ubgiza ndi hagati mu mugoma.

6 Yemwe! Yemwe! Ni muhunge muve mu gihugu c’i burārūko, ni k’Uhoraho agize; kuko nk’ukw ibirēre bine vy’ijuru vyītangūranye, ari ko nabasābagije, ni k’Uhoraho agize.

7 Yewe Siyoni ubana n’umukobga w’i Babuloni, cika uhunge!

8 Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we yantumye kumuhesha icubahiro mu mahanga yabanyaze; at’ Ūbakorako aba akoze ku mbone y’ijisho ryiwe.

9 Ehe nzoyabangurirak’ ukuboko kwanje, kand’ azohinduka inyagano z’abāyashumbiye: ni ho muzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo ari we yantumye.

10 Ririmba unezerwe, yewe mukobga w’i Siyoni: rāba ndaje ngo ngerēre hagati muri wewe, ni k’Uhoraho agize.

11 Kur’ uwo musi amahanga menshi azokwifatanya n’ Uhoraho, bacike abantu banje; nanje nzogerēra hagati muri wewe, nawe uzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yakuntumyeko.

12 Maz’ Uhoraho azohindura i Buyuda habe ishamvu yiwe yo mu gihugu cera, kand’ azokwongera kwirobanurira Yerusalemu.

13 Ni muhwekerere imbere y’ Uhoraho, yemwe abafise umubiri mwese, kukw avyukurutse i we, ahēra hiwe.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan