Zekariya 13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Isōko yo kwoza ivyaha 1 Kur’ uwo musi ab’inzu ya Dawidi n’ababa i Yerusalemu bazotoborerwa imbizi yo kubōza ivyaha n’ibihumane. 2 Kandi kur’ uwo musi nzoherengeteza amazina y’ibigirwamana mu gihugu, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, vyoye kuzokwibukwa ukundi; kandi ba kamenyi nzobamaririkanya mu gihugu bo n’impwemu zihumanye. 3 Maze ni haramuka habonetse uwīgira ngw aravugishijwe, se na nyina bāmwivyariye bazomubgira, bati Ntugenda udapfuye, kuk’ uvuga ibinyoma mw izina ry’Uhoraho: maze se na nyina bāmwivyariye bazomutobekeranya akibivuga. 4 Nuko kur’ uwo musi abīgira abavugishwa n’Imana bazogira isoni z’ivyo bārose, umuntu wese muri bo akirikw arabivuga; kandi ntibazoba bacambara insāto zo guhumbagura: 5 arik’ umuntu wese azovuga, ati Sind’ ūvugishwa n’Imana; jewe nd’umurimyi, kuko nagizwe umukozi uhereye mu buto bganje. 6 Kandi bamubajije, bat’ Izo nguma zo mu biganza vyawe n’iz’ iki? Na we azokwishura, ati N’izo nakomerekeye mu nzu y’abakunzi banje. Inkota y’Imana ikubita Umwungere 7 Ikangure, wa nkota we, urwanye umwungere wanje, urwanye umuntu mugenzanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kubita umwungere, intama zisanzare; kandi n’imyagazi nzoyihindurirak’ ukuboko kwanje. 8 Mur’ ico gihugu cose, ni k’Uhoraho agize, ibice bibiri vyo muri co bizorandurwa bipfe, arikw ica gatatu kizosigazwaho. 9 Kand’ ico gice ca gatatu nzobacisha mu muriro wo mu ruganda, mbakūremw’ inkamba nk’uko bazikūra mw ifeza, mbageragereshe kubavugutira, nk’uko bagerageza izahabu: bazokwambaza izina ryanje, nanje nzobumva; nzovuga, nt’ Abo n’abantu banje, na bo bazovuga, bat’ Uhoraho ni we Mana yanje. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi