Zekariya 12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Abisirayeli bazoruha bagaruke ku Mana 1 Imbūri y’ijambo ry’Uhoraho yo ku Bisirayeli. Uku ni k’Uhoraho agize, uwāgānuye amajuru agashirah’ itanguriro ry’isi, akarema impwemu yo mu muntu, 2 at’ Ehe nzohindura Yerusalemu igikombe co kudandabagiranya amahanga yose ahakikije, igihe bazoba bateye Abayuda, bugarije Yerusalemu. 3 Uwo musi nzohindura Yerusalemu ibuye riremēra amahanga yose, abazoryikorera bose bazokomereka bibi; kand’ amahanga yose yo mw isi azokoranywa no kuharwanya. 4 Kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho agize, nzogwisha igihūmura ifarasi yose, kand’ ūri kuri yo nzomutēza ibisazi. Nzosubiza amaso ku nzu ya Yuda, kand’ ifarasi yose y’amahanga nzoyitēza uruhumyi. 5 Abatware b’ Abayuda bazokwibgira mu mitima, bat’ Ababa muri Yerusalemu ni bo nkomezi zacu, kuko bafise Uhoraho Nyen’ ingabo kw Imana yabo. 6 Kur’ uwo musi abatware b’Abayuda nzobahindura nk’urujo rurik’ umuriro rushirwa mu nkwi, canke nk’urumuri rwaka rushizwe mu mikama y’ingano; bazotōngōra amahanga yose abakikije i buryo n’i bumoso; kandi Yerusalemu hazokwongera kwubakwa aho hāhoze, ni ho i Yerusalemu nyene. 7 Kand’ Uhoraho azobanza gukiza amahema y’Abayuda, kugira ngw ishimwe ry’inzu ya Dawidi n’ishimwe ry’ababa i Yerusalemu ryoye gushirwa hejuru gusumba iry’ Abayuda. 8 Kur’ uwo musi Uhoraho azokīranira ababa i Yerusalemu; umunyantege nke wo muri bo kur’ uwo musi azomera nka Dawidi; kand’ inzu ya Dawidi izomera nk’Imana, nk’ umumarayika w’Uhoraho ar’ imbere yabo. 9 Kandi kur’ uwo musi nzokwitwaririka kugeseza amahanga yose yaje gutera i Yerusalemu. 10 Kandi nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yerusalemu impwemu y’ubuntu n’iyo gusenga; kandi bazokwitegereza uwo bācumise; bazomuborogera nk’ ūborogera umwana wiwe w’ikinege, bamurware akabonge nk’ūkarwazwa n’imfura yiwe. 11 Kur’ uwo musi hazoba umuborogo ukomeye i Yerusalemu, nka ya maborogo yabaye i Hadadi‐rimoni mu kiyaya c’i Megidoni. 12 Kand’ igihugu kizoboroga, umuryango wose ukwawo; umuryango w’inzu ya Dawidi ukwawo, n’abagore babo ukwabo; umuryango w’inzu ya Natani ukwawo, n’abagore babo ukwabo; 13 umuryango w’inzu ya Lewi ukwawo, n’abagore babo ukwabo; umuryango w’Abashimeyi ukwawo, n’abagore babo ukwabo; 14 n’iyindi miryango yose isigaye, umuryango wose ukwawo, n’abagore babo ukwabo. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi