Zekariya 11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Abayuda bazokwihakana Mesiya, bīkwegere kugesezwa 1 Ugurura inzugi zawe, Lebanoni, umuriro uturire ibiti vyawe vy’amasederi. 2 Vuza induru, wa giti c’umuberoshi, kukw isederi ihenutse, kand’ ibiti vyiza‐vyiza bikaba vyononekaye. Ni muvuze induru, mwa biti vy’ imyeloni vy’i Bashani, kukw ikibira kitāmenwa gihindikiranye. 3 Umve induru z’abungere, kukw icubahiro cabo catītūtse. Umve imigunza y’intambge yivuga, kuk’ ukuberwa kwa Yorodani kwononekaye. 4 Uku ni k’Uhoraho Imana yanje agize, ati Ragira umukuku w’imbāgwa: 5 abazihanjuye ni bo bazicumita, bakibgira ko badacumuye, n’abazishōye bakavuga, bat’ Uhoraho ashimwe, kuko mbaye umutunzi; kand’ abungere bazo na bo nta kagongwe zibatera. 6 Kuko ntazosubira guterwa akagongwe n’ababa mur’ iki gihugu, ni k’Uhoraho agize; ariko nzobagabura, umuntu wese ndamute mu kuboko kw’uwamuragira, no mu kuboko kw’umwami wiwe; abo bazorya igihugu, kandi sinzobarokora ngo mbakūre mu maboko yabo. 7 Nuko nca ndagira umukuku w’imbāgwa, mbere zar’ intama z’imyaku. Maze nābīra inkoni zibiri, imwe ndayita Buntu, iyindi ndayita Yungiro; nuko ndagira umukuku. 8 Mu kwezi kumwe ngeseza ba bungere batatu; kuk’ umutima wanje war’ ubarambiwe, kandi n’iyabo yari yanzinutswe. 9 Maze ndavuga, nti Namwe sinkibaragira; ūpfa n’apfe, ūranduka n’arunduke, amasigarira n’aryane. 10 Maze nābīra ya nkoni yanje Buntu, ndayivunamwo kubiri, kugira ngo nice isezerano nasezeranye n’amahanga yose. 11 Uwo musi iravunika; maz’ intama z’imyaku zanyumvira zica zimenya yukw iryo jambo ar’ iry’ Uhoraho. 12 Ndababarira, nti Namba mubona kw ari vyiza, ni mumpe ingero yanje; bitabaye vyiza, musigeho. Nuko bangerera intete mirongwitatu z’ifeza kw ingero. 13 Uhoraho arambgira, ati Terera umubumvyi ako kaminuza k’igiciro banciriye! Nuko nābīra za ntete z’ifeza mirongwitatu, ndazijana nziterera umubumvyi mu nzu y’Uhoraho. 14 Maz’ inkoni yanje ya kabiri yitwa Yungiro nca ndayivunamwo kubiri, kugira ngo nice umuvukano w’Abayuda n’ Abisirayeli. Umwungere mubi 15 Nuk’ Uhoraho arambgira, ati Subira wābīre ibiragizwa vy’ umwungere mubi. 16 Kuko rāba, nzohagurutsa umwungere mu gihugu, atazobabara izizimiye, kandi ntazorondera izāsābagiye, n’ izivunitse ntazozunga, canke ngw aragire izigihagaze; arikw azorya inyama z’izivyibushe, mber’ azoguguna n’inzāra zazo. 17 Azobona ibara, uwo mwungere w’imburakimazi ata umukuku! Inkota izomukubita ku kuboko, no ku jisho ry’i buryo: ukuboko kwiwe kuzonyunyuka rwose, kand’ ijisho ryiwe ry’i buryo rizohuma agahenebere. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi