Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zekariya 10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Imana isezeranira Abayuda inganji

1 Uhoraho abe ari we musaba imvura ngw igwe mu gihe c’itasura, muyisabe Uhoraho arema imiravyo; na we azobaha imvura y’umuvuvu, umuntu wese amumereze imirima.

2 Kukw ibigirwamana vyitwa terafimu bivuga ubusa, n’abapfumu bakaragura ibinyoma; bavōvōta inzozi z’ibihumbagurano, bakaremeshereza abantu ubusa: ni co gituma abantu bazimira nk’intama, bakagorwa, kuko batagira umwungere.

3 Uburake bganje buziriringiye abungere, kandi nzohana impfizi z’impene: kuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo aje kugendera umukuku wiwe, ni wo nzu ya Yuda, kand’ azobahindura nk’ifarasi yiwe nziza yo mu ntambara.

4 Muri Yuda hazokomōka ibuye rigumya imfuruka, muri we hazokomōka urumambo rugumya ihema; muri we hazokomōka umuheto w’intambara, kandi hamwe n’ivyo muri we hazokomōka umugabisha w’ ingabo wese.

5 Abo bazomera nk’abahizi mu rugamba, basiribangira abansi babo mu vyondo vyo mu nzira; bazorwana, kuk’ Uhoraho ari kumwe na bo: kand’ abagendera ku mafarasi bazomāramāra.

6 Kandi nzokomeza inzu ya Yuda, nkize n’inzu ya Yosefu; nzobagarukana, kuko mbagiriye ikigongwe; bazomera nk’aho ntigeze kubaca, kuko jewe nd’Uhoraho Imana yabo, kandi nzobumva.

7 Kand’ Abefurayimu bazomera nk’umuhizi, imitima yabo igire akaneza nk’agatewe na vino; mber’ abana babo bazobirāba bagire akaneza, imitima yabo izonezererwa Uhoraho.

8 Nzobahamagaza uruhwa mbakoranye, kuko nabacunguye; kandi bazogwira nk’uko bamye bagwira.

9 Nzobabiba mu mahanga, kandi bazonyibuka bari mu bihugu vya kure; bazorera abana babo, kandi bazogaruka.

10 Nzokwongera mbatārūre no mu gihugu ca Egiputa, mbakoranye mbakūre muri Ashuri: maze mbashitse mu gihugu c’i Gileyadi n’i Lebanoni: mbere ntibazohakwirwa.

11 Azoca mu kiyaga kigoye, akubite imipfunda yo mu kiyaga, kand’ uruzi rwa Nili muri nyina hose hazokama: ubgibone bga Ashuri buzocishwa bugufi, n’icumu ry’ umwami wa Egiputa rizovaho.

12 Nzobaha gukomezwa nanje Uhoraho, na bo bazogendagendera mw izina ryanje, ni k’Uhoraho agize.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan