Zefaniya 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Zefaniya ahanūra abantu ngo barondere Uhoraho bigishoboka 1 Ni mukoranire hamwe, mbere ni mukorane, yewe hanga ritagira isoni; 2 mutaratūmūrirwa kure nk’umuguruka, kand’ uburake bg’Uhoraho bg’inkazi butarabashikako, mbere wa musi w’ uburake bg’Uhoraho utarabashikīra. 3 Murondere Uhoraho, yemwe bagwaneza mwese bo kw isi, bashitsa amabgirizwa yiwe: murondere ubugororotsi, bo n’ukwicisha bugufi; kumbure muzokinjishwa ku musi w’uburake bg’ Uhoraho. Ibihano bizoba ku bansi b’Abayuda 4 Gaza hazohebga, Ashikeloni hahinduke imisaka: abo muri Ashidodi bazokwirukanwa ku murango w’amashōka, na Ekuroni hazorandurwa. 5 Bazobona ibara, ababa mu biyaya vyo ku kiyaga, ihanga ry’Abakereti! Ijambo ry’Uhoraho rirakujinjibuye, ewe Kanani, wa gihugu c’Abafilisitiya; azoguhonnya, ntihagire n’ umwe asigara akubamwo. 6 Ibiyaya vyo ku kiyaga bizosigara ar’ uburagiro gusa, har’ ibirāro vy’abungere n’impongore z’imikuku. 7 Kand’ ivyo biyaya bizoba ivy’ amasigarira y’inzu ya Yuda; ni ho bazoragira; bgije biryamire mu mazu yo muri Ashikeloni; kuk’ Uhoraho Imana yabo azobagendera, ngw agarukane abajanywe ar’ inyagano. 8 Ati Numvise ibitutsi vya Mowabu, n’ugucokorana kw’Abamoni, bācokoye abantu banje, bakarya urubibe rwabo bihayagiza. 9 Nuko rero, ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, Imana y’Abisirayeli, n’ukuri Mowabu hazoba nk’i Sodomu, n’Abamoni nk’i Gomora, ah’ igisuru ciganziye, habe iyengo ry’imyunyu, hahinduke amatongo ibihe bidashira: amasigarira y’abantu banje azobatera abasahure, mber’ abarokotse bo mw ihanga ryanje bazobatwara. 10 Ivyo ni vyo bazosubirizwa mu nkōko kubg’ ubgibone bgabo, kuko bātuka abantu b’Uhoraho Nyen’ ingabo, bakabihayagizako. 11 Uhoraho azobabera agaterabgoba: kukw azocobogoza ibigirwamana vyose vyo kw isi; maz’ abantu bazomwunamira, umuntu wese ah’ ari, mbere n’ibizinga vyose vyo mu kiyaga vy’abanyamahanga. 12 Namwe Banyetiyopiya n’uko, muzokwicwa n’inkota y’Uhoraho. 13 Kand’ azobangurira ukuboko kwiwe i burārūko, ageseze Ashuri; Ninewe ahahindure amatongo, hume nk’ikigatwa. 14 Amasho azokwigaramangira hagati muri ho, n’ibikōko vyose vyo mw ishamba: inkongori n’ibinyogoto bizokwībēra ku bisapfu vy’amazu yaho: amajwi yavyo azokwumvikanira mu madirisha; mu rwinjiriro rw’imiryango yaho hazoba amasakamburira, kuko yasitaguye amagarwe y’imbaho z’amasederi. 15 Ico ni ca gisagara cihaya, cahora cicaye ata co cinona, kikīyāgira mu mutima, kiti Ni jewe ndiho, nta wundi atari jewe! Ewe kuntu gicitse amatongo, n’ubugaramango bg’ibikōko! Umuntu wese azohaca azohavuzakw agahwa, ahadōdekw agatoke. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi