Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zefaniya 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Iteka Abayuda baciriweko

1 Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Zefaniya mwene Kushi, Kushi mwene Gedaliya, Gedaliya mwene Amariya, Amariya mwene Hezekiya, ku ngoma ya Yosiya mwene Amoni, umwami w’i Buyuda.

2 Nzokwanzura rwose ibintu vyose biri kw isi, ni k’Uhoraho agize.

3 Nzokwanzura abantu n’amatungo, nzokwanzura ibiguruka mu kirēre n’amafi yo mu kiyaga, n’abanyakibi nzobatega urutsiburira; eka nzorandura abantu bose kw isi, ni k’Uhoraho agize.

4 Nzobangurira ukuboko kwanje Abayuda n’ababa i Yerusalemu bose; nzorandura amasigarira ya Bayali aho hantu, n’izina ry’ibishegu hamwe n’abaherezi;

5 n’abasenga inyenyeri, ari zo ngabo zo kw ijuru, būriye hejuru ku mazu; n’abasenga bandahira jewe Uhoraho bagatako bakarahira na Milikomu;

6 n’ abasubiye inyuma bakareka kunkurikira jewe Uhoraho; n’abatigeze kundondera, canke ngo bagire ico bansiguza.

7 N’uhwekerere imbere y’Umwami Uhoraho: kuk’ umusi w’ Uhoraho uri hafi; Uhoraho yiteguye ikimazi, kandi yejeje abatumire biwe.

8 Maze kur’ uwo musi w’ikimazi canje jewe Uhoraho, nzohana abaganwa n’abana b’umwami, n’abambaye imyambaro y’inyamahanga.

9 Kur’ uwo musi nzohana abasimba urwinjiriro rw’urusengero bose, bakuzuza inzu ya shebuja umuryano n’uruhendo.

10 Maze kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho agize, hazokwumvikana induru kw irembo ryitwa iry’ Amafi, n’umuborogo mu gice c’igisagara ca kabiri, n’ugusenyerana gukomeye kuzokwumvikana mu misozi.

11 Ni muboroge, yemwe ababa i Makiteshi, kukw abantu bose b’i Kanani bageseye, n’abagera ifeza ku munzane baranduwe.

12 Maz’ ico gihe, muri Yerusalemu nzohaseranguza imuri, mpane abantu bīrāye nka vino yireretse ku mvūzo, bibgira mu mitima yabo, bat’ Ari ciza ari kibi, Uhoraho nta co azokora.

13 Itunga ryabo rizocika isahu, n’amazu yabo ahinduke imisaka: mbere bazokwubaka amazu, ntibayabemwo, batere n’imizabibu, ntibanywe vino yayo.


Umusi uhambaye w’Uhoraho

14 Umusi uhambaye w’Uhoraho uri hafi; uri hafi kand’ urihuta; umusi w’Uhoraho, guhinda kwawo kurumvikana; umuhizi araborogana intuntu.

15 Uwo musi n’umusi w’uburake, n’umusi w’ amagorwa n’amarushwa, n’umusi w’ibitongozi n’imisaka, n’umusi w’umwiza n’ubuzinze ināni, n’ umusi w’ibicu n’umwiza w’umuzitanya,

16 n’umusi wo kwumva inzamba n’akaruru k’abirukira ibisagara vyubakiwe inzitiro z’amabuye n’iminara miremire.

17 Nzotēza ivyago abantu, bitume bagenda nk’impumyi, kuko bancumuyeko jewe Uhoraho; kand’ amaraso yabo azosēswa nk’umukungugu, n’imibiri yabo nk’ibishēshe.

18 Nta feza zabo nta n’izahabu bizoshobora kubakiza ku musi w’uburake bg’Uhoraho; arikw isi yose izomarwa n’umuriro w’ifūhe ryiwe: kukw ababa kw isi bose azobaherengeteza rwose giturumbuka.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan