Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zaburi 97 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Uhoraho arahangamye; isi n’ihimbarwe; Ibizinga vyo mu kiyaga binezerwe uko bingana.

2 Ibicu n’umwiza biramukikije: Ukugororoka n’imanza zibereye ni vyo ingoma yiwe ihagazeko.

3 Umuriro umwitangira imbere, Uyigiza abarwanizi biwe impande zose.

4 Imiravyo yiwe yabonesheje mw isi, Ibihugu birabibona, bihinda agashitsi.

5 Imisozi iyagira imbere y’ Uhoraho nk’ibishashara, Imbere y’Umwami w’isi yose.

6 Amajuru atāngāza ukugororoka kwiwe, Amahanga yose yabonye ubgiza bgiwe.

7 Abasenga ibishushanyo bibājwe, Bakirata ivy’ ubusa, ni bamāramāre: Ibigirwamana vyose biramwunamira.

8 I Siyoni haravyumvise, haranezerwa, Abakobga b’i Buyuda bahimbarwa N’imanza zawe zibereye, ewe Uhoraho.

9 Kuko wewe Uhoraho, usumba vyose, ukaba uri hejuru y’isi yose, Ushizwe hejuru cane y’ibigirwamana vyose.

10 Yemwe abakunda Uhoraho, ni mwanke ibibi; Azigama ubugingo bg’abakunzi biwe, Abarokora mu maboko y’abanyakibi.

11 Umuco urasira umugororotsi, Bo n’umunezero ku b’imitima itunganye.

12 Munezererwe Uhoraho, yemwe bagororotsi; Kandi muhimbaze izina ryiwe ryera.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan