Zaburi 92 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Iyi Zaburi n’indirimbo yo kuririmbga kw isabato. 1 Ni vyiza gushima Uhoraho, No kuririmbira izina ryawe ishimwe, ewe Usumba vyose: 2 Kwerekana imbabazi zawe mu gitondo, N’ingen’ ur’ umwizigirwa uko bgīje, 3 Tuvugira inanga y’imirya cumi n’ikembe, Tukōmānza inanga. 4 Kuko wewe Uhoraho, wannejereje kubg’ igikorwa cawe wakoze: Nzovugishwa impundu n’ibikorwa vy’intoke zawe. 5 Ereg’ ibikorwa vyawe birakomeye Uhoraho! Ivyiyumviro vyawe bishika i bgina kure. 6 Umuntu w’ikijuju ntazi ibi; N’igipfu ntikibitahura: 7 Iy’ abanyakibi bārutse nk’ ubgatsi, Kand’ inkozi z’ibibi zose iyo zitotahaye, N’ukugira ngo barandurwe gushitsa ibihe vyose. 8 Ariko wewe, Uhoraho, ushizwe hejuru gushitsa ibihe bitazoshira. 9 Eh’ abansi bawe, Uhoraho, Eh’ abansi bawe bazohona: Inkozi z’ibibi zose zizosābagira. 10 Ariko washize hejuru ihembe ryanje nk’iry’ imbogo, Nsīzwe amavuta masha. 11 Kand’ ijisho ryanje ryiboneye abansi banje, Amatwi yanje yiyumviye ukw inkozi z’ibibi zimpagurukiye zibaye. 12 Umugororotsi azototahara nk’ ikigazi, Azoshirwa hejuru nk’igiti c’ isederi c’i Lebanoni. 13 Abatewe mu rugo rw’Uhoraho Bazototaharira mu nyubakwa z’Imana yacu. 14 No mu busāza bazoba bacāma; Bazogira ubukame bginshi n’itōto: 15 Kugira ngo vyerekane yuk’ Uhoraho atunganye; Ni we gitandara canje, atarimwo kugabitanya na gukeya. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi