Zaburi 9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Iyi Zaburi yahawe umukuru w’abaririmvyi: bavugira inanga mw ijwi ryitwa Muti‐labeni. Ni Zaburi ya Dawidi. 1 Ndashimisha Uhoraho umutima wanje wose, Nderekana ibikorwa vyawe vyose bitangaza. 2 Ndakunezererwa, nkiginagura; Ndaririmba ishimwe ry’izina ryawe, wewe Usumba vyose. 3 Kukw abansi banje basubiye inyuma, Baratsitaye, barandukiye imbere yawe. 4 Wampagarikiye mu manza zanje no mu miburano yanje, Uvyagiye ku ntebe uca imanza zibereye. 5 Wakankamiye abanyamahanga, wahoneje ababi, Wasibanganije amazina yabo gushitsa ibihe bitazoshira. 6 Abansi barayogeye, hasigaye imisaka ibihe vyose, N’ibisagara vyabo warabikomvomvoye, Mbere no kwibukwa kwabo kwarazimanganye. 7 Arik’ Uhoraho aravyagira ibihe vyose, Yiteguriye imanza intebe yiwe. 8 Azocira isi imanza zibereye, Azoshikiriza amahanga imanza z’ukuri. 9 Kand’ Uhoraho azoba ubuhungiro bg’abadenderezwa, Azoba ubuhungiro mu bihe vy’amagorwa. 10 Kand’ abazi izina ryawe bazokwizigira, Kuko wewe, Uhoraho, udahemukira abakurondera. 11 Uhoraho aba i Siyoni mumuririmbire ishimwe; Mukwize mu mahanga ibikorwa vyiwe. 12 Kuk’ ūhōra amaraso abibuka, Ntiyibagira ugutakamba kw’ abaciye bugufi. 13 Uhoraho, ngirira ikigongwe; Urābe umubabaro mbabazwa n’abanyanka, Ni wewe undūgana, ukankūra mu marembo y’urupfu, 14 Kugira ngo nerekanire ishimwe ryawe ryose Mu marembo y’umukobga w’i Siyoni; Kandi nzonezererwa agakiza kawe. 15 Abanyamahanga barokeye mu cobo biyimbiye, Mu mutego bateze, ni ho icabo kirenge gifatiwe. 16 Uhoraho yimenyekanishije, yarashikije imanza: Ategesha umunyakibi ibikorwa vy’intoke ziwe nk’ umutego. Higayoni. Sela. 17 Abanyakibi bazosubizwa i kuzimu, Mbere n’amahanga yose yibagira Imana. 18 Kuk’ umukene atazokwama yibagirwa, Kand’ ivyizigiro vy’abaciye bugufi bitazohora birashira. 19 Haguruka, Uhoraho we, abantu boye kuba ari bo bagira inganji; Amahanga n’acirwekw iteka mu nyonga zawe. 20 Uhoraho, n’ubatere ubgoba; Amahanga yimenye kw ar’ abantu buntu. Sela. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi