Zaburi 85 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Iyi Zaburi yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya bene Kora. 1 Uhoraho, wagiriye igihugu cawe imbabazi; Wagarukanye aba Yakobo bajanywe kw inyagano. 2 Wahariye ukugabitanya kw’ abantu bawe, Watwikiriye icaha cabo cose. Sela. 3 Wakūyeh’ uburake bgawe bgose, Warigaruye, ureka ubukare bg’uburake bgawe. 4 Twigarurire, Mana y’agakiza kacu, Kand’ ushire umwikomo wawe utugirira. 5 Mbeg’ uzoturakira ibihe bidashira? Uzokomeza uburake bgawe ibihe vyose? 6 Mbega ntuzokwongera kuturabūra, Kugira ngw abantu bawe bakunezererwe? 7 Twereke imbabazi zawe, Uhoraho we, Uduhe agakiza kawe. 8 Hinge numve ivyo Imana, Uhoraho, igira ivuge: Kukw izobgira abantu bayo n’abakunzi bayo ivy’ amahoro; Ariko ntibaze basubire mu bupfu. 9 N’ukuri agakiza kayo kari hafi y’abayubaha, Kugira ng’ubgiza bgayo bube mu gihugu cacu. 10 Imbabazi n’ukuri birahūye, Ukugororoka n’amahoro biragumbiranye. 11 Ukuri kubaye ikironge mw isi, Ukugororoka kwarungurutse kuri mw ijuru. 12 Kand’ Uhoraho azogaba ivyiza: Igihugu cacu kizokwimbuka ivyimburo vyaco. 13 Ukugororoka kuzomwitangira imbere, Kandi kuzoca mu makanda y’ibirenge vyiwe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi