Zaburi 83 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Iyi ndirimbo yitwa Zaburi n’iya Asafu. 1 Mana, reka kwihorera, Mana, ntupfe kunuma, ntiwirengagize: 2 Kukw abansi bawe bateye umuvurungano; Abakwanka bavyukije umutwe. 3 Banogangiriza inama y’ubugunge abantu bawe, Bagīra inama abo wahishije. 4 Baravuze, bati Ni muze tubarandure, ntibabe bakiba ihanga, Kugira ngw izina ry’Abisirayeli ntiribe ricibukwa ukundi. 5 Kuko ba bandi bahūje umutima wo kuja inama, Ni wewe bashiriyeh’ amasezerano: 6 Ni bo bo mu mahema ya Edomu n’Abishimayeli; Kandi n’Abanyamowabu n’ Abahagiri; 7 N’Abagebalu n’Abamoni n’ Abamaleki, N’Abafilisitiya n’ababa i Tiro: 8 N’Abashuri na bo bafatanije na bo; Batabaye aba Loti. Sela. 9 Ubagire nk’uko wagize Abamidiyani, Nk’uko wagize Sisera na Yabini ku ruzi rwitwa Kishoni: 10 Bāyogereye kuri Endori, Bācitse intabire y’imisozi. 11 Abapfasoni babo ubagire nka Orebu na Zebu; Abaganwa babo bose ubagire nka Zeba na Salumuna: 12 Kuko bavuze, bati Twinyagire Umurwa w’Imana. 13 Mana yanje, ubahindure nk’ umukungugu uvugutwa n’ agashururu, Nk’umuguruka utwarwa n’ umuyaga. 14 Nk’uk’ umuriro uturira ikibira, Nk’ukw imbeya zawo zifata imisozi: 15 Abe ari ko ubahīgīsha ikivumbuzi cawe, Ubacishe ivutu ikirura cawe. 16 Wuzuze mu maso habo isoni, Kugira ngo barondere izina ryawe, Uhoraho; 17 Bamāramāre, bahagarike imitima gushitsa ibihe bidashira, Bicwe n’isoni, bayogere: 18 Kugira ngo bamenye yuko wewe, uwitwa uhoraho, Kw ari wewe Usumba vyose, ukaganza isi yose. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi