Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zaburi 83 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Iyi ndirimbo yitwa Zaburi n’iya Asafu.

1 Mana, reka kwihorera, Mana, ntupfe kunuma, ntiwirengagize:

2 Kukw abansi bawe bateye umuvurungano; Abakwanka bavyukije umutwe.

3 Banogangiriza inama y’ubugunge abantu bawe, Bagīra inama abo wahishije.

4 Baravuze, bati Ni muze tubarandure, ntibabe bakiba ihanga, Kugira ngw izina ry’Abisirayeli ntiribe ricibukwa ukundi.

5 Kuko ba bandi bahūje umutima wo kuja inama, Ni wewe bashiriyeh’ amasezerano:

6 Ni bo bo mu mahema ya Edomu n’Abishimayeli; Kandi n’Abanyamowabu n’ Abahagiri;

7 N’Abagebalu n’Abamoni n’ Abamaleki, N’Abafilisitiya n’ababa i Tiro:

8 N’Abashuri na bo bafatanije na bo; Batabaye aba Loti. Sela.

9 Ubagire nk’uko wagize Abamidiyani, Nk’uko wagize Sisera na Yabini ku ruzi rwitwa Kishoni:

10 Bāyogereye kuri Endori, Bācitse intabire y’imisozi.

11 Abapfasoni babo ubagire nka Orebu na Zebu; Abaganwa babo bose ubagire nka Zeba na Salumuna:

12 Kuko bavuze, bati Twinyagire Umurwa w’Imana.

13 Mana yanje, ubahindure nk’ umukungugu uvugutwa n’ agashururu, Nk’umuguruka utwarwa n’ umuyaga.

14 Nk’uk’ umuriro uturira ikibira, Nk’ukw imbeya zawo zifata imisozi:

15 Abe ari ko ubahīgīsha ikivumbuzi cawe, Ubacishe ivutu ikirura cawe.

16 Wuzuze mu maso habo isoni, Kugira ngo barondere izina ryawe, Uhoraho;

17 Bamāramāre, bahagarike imitima gushitsa ibihe bidashira, Bicwe n’isoni, bayogere:

18 Kugira ngo bamenye yuko wewe, uwitwa uhoraho, Kw ari wewe Usumba vyose, ukaganza isi yose.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan