Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zaburi 82 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Zaburi ya Asafu.

1 Imana ihagaze mw ikombe ryayo; Icira abacamanza urubanza,

2 Iti Muzogeza hehe kugoreka imanza, No gutinya abanyakibi ku kigohe? Sela.

3 Mucire imanza umugoyigoyi n’impfuvyi; Mucire impahazwa n’umurushwa imanza zigororotse,

4 Mutabare umugoyigoyi n’ umukene, Mubakūre mu maboko y’abanyakibi.

5 Abo mbgiye nta co bazi, nta co batahura, Bagendagenda mu mwiza: Amatanguriro yose y’isi aranyiganyiga.

6 Ni jewe ubganje navuze, nti Mur’ imana, Mwese mur’ abana b’Īsumba vyose.

7 Ariko muzopfa nk’abantu, Muzotemba nk’umwe wo mu baganwa.

8 Haguruka Mana, ucire isi urubanza: Kuk’ uzogira amahanga yose ishamvu yawe.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan