Zaburi 82 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Zaburi ya Asafu. 1 Imana ihagaze mw ikombe ryayo; Icira abacamanza urubanza, 2 Iti Muzogeza hehe kugoreka imanza, No gutinya abanyakibi ku kigohe? Sela. 3 Mucire imanza umugoyigoyi n’impfuvyi; Mucire impahazwa n’umurushwa imanza zigororotse, 4 Mutabare umugoyigoyi n’ umukene, Mubakūre mu maboko y’abanyakibi. 5 Abo mbgiye nta co bazi, nta co batahura, Bagendagenda mu mwiza: Amatanguriro yose y’isi aranyiganyiga. 6 Ni jewe ubganje navuze, nti Mur’ imana, Mwese mur’ abana b’Īsumba vyose. 7 Ariko muzopfa nk’abantu, Muzotemba nk’umwe wo mu baganwa. 8 Haguruka Mana, ucire isi urubanza: Kuk’ uzogira amahanga yose ishamvu yawe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi