Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zaburi 81 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Iyi Zaburi yahawe umukuru w’abaririmvyi: bavugira inanga mw ijwi ryitwa Gititi. N’iya Asafu.

1 Muririmbishirize Imana ijwi rirenga, ni yo nkomezi zacu; Muvugirize Imana ya Yakobo impundu.

2 Shirako muririmbe zaburi, muvuze agashako k’ingoma, Mucurarange inanga nziza n’ ikembe.

3 Muvuze inzamba ukwezi kubonetse, N’iy’ ukwezi gufashe, ku musi wacu mukuru.

4 Kukw iry’ ari ryo bgirizwa ryashingiwe Abisirayeli, N’icagezwe n’Imana ya Yakobo.

5 Yagishinze mu ba Yosefu kuba igishingantahe, Aho yisidukira, ikūriye hasi igihugu ca Egiputa: Ni ho numvitiye ijwi ry’Uwo ntari nzi.

6 Ati Nakūye umutwaro ku rutugu rwawe, Amaboko yawe yabohowe ku gitebo.

7 Waratakamvye ugowe, ndakurokora: Nakwishuye nihishije mu nkuba: Nakugeragereje ku mazi y’i Meriba. Sela.

8 Bantu banje, ni mwumve, ndabihanikirize, Yemwe bantu ba Isirayeli, icompa mukantega amatwi!

9 Ntihakabe ikigirwamana c’ abanyamahanga muri mwebge, Kandi ntimukagire ikigirwamana c’abanyamahanga musenga.

10 Ni jewe Uhoraho, Imana yanyu, Nabakūye mu gihugu ca Egiputa: Asama cane, nanje nduzuza akanwa kanyu.

11 Arikw abantu banje ntibanyumviye; Abisirayeli baranyikunkumura.

12 Nanje ndabareka, ngo bakurikire ugukomantara kw’ imitima yabo, Ngo bagendere mu migabo bigeneye.

13 Icompa abantu banje bakanyumvira, Icompa Abisirayeli bakagendera mu nzira zanje!

14 Notsinda abansi babo vuba, Nohindurira ukuboko kwanje ku barwanizi babo.

15 Abansi b’Uhoraho bakamwunamira bamuhema: Ariko ba bandi bakaramba ibihe vyose.

16 Nobagaburira ingano zisētse neza: Kandi nobahāza ubūki buvuye mu mugina wo mu gitandara.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan