Zaburi 80 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Iyi Zaburi yahawe umukuru w’abaririmvyi: bavugira inanga mw ijwi ryitwa Amarebe y’Igishingantahe. Ni Zaburi ya Asafu. 1 Ewe Mwungere w’Abisirayeli, tega ugutwi, Ni wewe urōngōra aba Yosefu nk’umukuku; Ewe uvyagira ku Bakerubi, kayangana. 2 Kangura inkomezi zawe imbere y’aba Efurayimu n’aba Benyamini n’aba Manase, Uze kudukiza. 3 Mana utwigarurire, Umurikishe mu nyonga hawe, natwe turakira. 4 Uhoraho, Mana Nyen’ ingabo, Uzogeza ryari gupfunduka uburake urakira ugusenga kw’abantu bawe? 5 Wabagaburiye amosozi k’ umutsima, Wabahaye amosozi menshi yo kunywa. 6 Utumye ababanyi bacu baducuranwa; Abansi bacu batunegura bitwengera. 7 Mana, Nyen’ ingabo, utwigarurire, Umurikishe mu nyonga hawe, natwe turakira. 8 Wakūye umuzabibu muri Egiputa: Usohora amahanga, urawutera. 9 Urawurimirira, Na wo ushikana imizi kure, wuzura igihugu. 10 Imisozi itwikirwa n’igitūtu cawo, N’ibiti vy’amasederi vy’inganzamarumpu biterwa igitūtu n’amashami yawo. 11 Ushamika amashami, ashika no ku kiyaga, Amasango yawo ashika no kuri rwa ruzi. 12 N’iki catumye usambura inzitiro zawo, Ngw abahita bose bawamure? 13 Ingurube yo mu kibira irawonona, Ibikōko vyo mw ishamba birawona. 14 Garuka turakwinginze, Mana Nyen’ ingabo: Runguruka uri mw ijuru, ubirābe, ugendere uwo muzabibu, 15 Zigama ico ukuboko kwawe kw’i buryo kwateye, N’ishami wikomereje. 16 Uwo muzabibu waraturiwe, waratemwe; Bahonejwe n’igitsure co mu nyonga hawe. 17 Ukuboko kwawe kube ku muntu agushiriye mu buryo, Ku mwana w’umuntu wirereye. 18 Nuko natwe ntituzosubira inyuma ngo tukuveko; Duhēmbūre, natwe turambaza izina ryawe. 19 Uhoraho Mana Nyen’ ingabo, utwigarurire, Umurikishe mu nyonga hawe, natwe turakira. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi