Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zaburi 8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Iyi Zaburi yahawe umukuru w’abaririmvyi: bavugira inanga mw ijwi ryitwa Gititi. Ni Zaburi ya Dawidi.

1 Uhoraho, Mwami wacu, Ereg’ izina ryawe ni ryiza mw isi yose! Washize icubahiro cawe hejuru y’amajuru.

2 Akanwa k’abana bato n’ abonka wagahaye gushimangira inkomezi zawe, Gutsindisha abansi bawe, Kugira ng’ uzibize umwansi n’umuhōzi.

3 Iyo nitegereje ijuru ryawe, igikorwa c’intoke zawe, N’ukwezi n’inyenyeri, ivyo waremye;

4 Umuntu n’iki ah’ umwibuka, Cank’ umwana w’umuntu ah’ umugendera?

5 Hāri hasigaye gato ukamunganya n’Imana, Umwambika ubgiza n’icubahiro nk’igitsibo.

6 Wamuhaye kuganza ibikorwa vy’amaboko yawe, Wamuhaye gutwara ibintu vyose, ubishira musi y’ibirenge vyiwe:

7 Intama zose n’inka, N’ibikōko vyo mw ishamba na vyo,

8 N’ibiguruka mu kirēre, n’ifi zo mu kiyaga, N’ikintu cose gica mu nzira zo mu biyaga.

9 Uhoraho, Mwami wacu, Ereg’ izina ryawe ni ryiza mw isi yose!

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan