Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zaburi 73 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


IGITABO CA GATATU
Iyi Zaburi n’iya Asafu.

1 N’ukuri Imana igirira neza Abisirayeli, Abafise imitima itanduye.

2 Ariko jeho, ibirenge vyanje kāri gato bigatirimuka, Intambuko zanje zari zishigaje gatoya zikanyerera.

3 Kuko nagirira ishari abībone, Aho nabona abanyakibi baguwe neza.

4 Kuko badasamba mw ipfa ryabo, Arikw amagara yabo arakomera.

5 Ntibagira amagorwa nk’abandi, Ntibaterwa n’ivyago nk’abandi.

6 Ni co gituma ubgibone buba nk’urudede mu mazosi yabo, Umuryano ukabambika nk’ impuzu.

7 Amaso yabo avanywe i mutwe no kuvyibuha, Bafise ibiruta ivyo umutima wokwifuza.

8 Baracokora, bakavugishwa ivy’ agahahazo n’ukugabitanya kwabo: Bavuga bīshize hejuru.

9 Bashize akanwa kabo mw ijuru, Ururimi rwabo ruyerera mw isi yose.

10 Ni co gituma abantu biwe bagaruka, Bakīrāngūza amazi yuzuye mu gikombe,

11 Bakavuga, bat’ Imana ibibgirwa n’iki? Īsumba vyose har’ ico izi?

12 Ereg’ abo ni bo banyavyaha: Kandi bama bīdibamiye, ubutunzi bgabo buragwira.

13 N’ukuri nogereje ubusa umutima wanje, Ukudacumura nagukarabiyemw’ ubusa.

14 Kuko natewe n’ivyago umusi ukīra, Ngahanwa mu gitondo n’ igitondo uko bukeye.

15 Iyo mba naravuze, nti Reka mvuge ntyo; Mba narahemukiye abana bawe.

16 Niyumviriye ingene noshobora kubimenya, Biba ibiruhije mu maso yanje.

17 Gushitsa aho nagīriye ahēra h’Imana, Nkībaza iherezo rya ba bandi.

18 N’ukuri ubashira ahanyerera; Ubakororera mu mahonero.

19 Erega bārahonnye mu kanya gato! Ubgoba bg’uburyo bginshi burabamaze.

20 Nk’ukw inzozi zimeze, iy’ umuntu yikanguye, Ni ko nawe, Mwami, ni wikangura, uzobakēngēra nk’ibiravūswe.

21 Ah’ umushaha wanje wababara, Ngatēkerwa n’umubabaro mu mutima,

22 Nar’ ikijuju, nar’ imburabgenge, Namera nk’igikōko imbere yawe.

23 Yamara rero namana nawe na ntaryo, Umfashe ukuboko kw’i buryo.

24 Uzondōngōza inama ungīriye, Kandi hanyuma uz’ unyakīrane icubahiro.

25 Ni nde mfise mw ijuru, atari wewe? Kandi mw isi nta we ngomba, atari wewe.

26 Umubiri wanje n’umutima wanje bishira umunywera, Arikw Imana ni yo gitandara umutima wanje uhungirako, kandi ni yo mugabane wanje ibihe vyose.

27 Kukw abakuja kure bazoranduka; Wahoneje abakuretse bose bagacika ibimaka.

28 Ariko jeho kwēgēra Imana ni kwo kumbereye amahirwe: Umwami Uhoraho ni we ngize ubuhungiro, Kugira ngo namamaze ibikorwa wakoze vyose.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan