Zaburi 71 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Uhoraho, ni wewe mpungirako: Sinze nigere mmāramāzwa. 2 Unkize kubg’ ukugororoka kwawe, undokore: Umbangire ugutwi, unkize. 3 Umbere igitandara co kubamwo, aho nzoshobora kwama mpungira: Wangereye kunkiza, Kukw ari wewe gitandara canje n’igihome kinkīngira. 4 Mana yanje, ngobotora mu kuboko kw’umunyakibi, Ngobotora mu kuboko kw’ umugabitanyi w’ikirara. 5 Kukw ari wewe vyizigiro vyanje, Mwami Uhoraho: Ni wewe nizera, uhereye mu buto bganje, 6 Ni wewe wamye unyishigikiriye uhereye mw ivuka ryanje: Ni wewe wankūye mu nda ya mama: Ishimwe ryanje rizokwama kuri wewe. 7 Mmeze nk’igitangaza kuri benshi: Ariko ni wewe buhungiro bganje bukomeye. 8 Akanwa kanje kazokwuzura ishimwe ryawe, N’icubahiro cawe umusi wīre. 9 Ntunte mu gihe c’ubutāma, Ntumpebe mu gihe intege zanje zishize. 10 Kukw abansi banje bamvuga, Ababundira ubugingo bganje baja inama: 11 Bat’ Imana yamuhevye; Mumwirukire, mumufate, kukw atagira uwo kumukiza. 12 Mana, ntumbe kure: Mana yanje, tebuka untabare. 13 Abarwanizi b’ubugingo bganje bicwe n’isoni baranduke; Abarondera ingene bongirira nabi bambikwe ibitutsi n’ agakēngērwe. 14 Ariko jeho nzokwama nizigira ubudasība, Nzokwiyongeranya kugushima. 15 Akanwa kanje kazovuga inkuru y’ukugororoka kwawe, N’iy’ agakiza kawe umusi wīre: Kuko ntazi igitigiri cavyo. 16 Nzoza mvuga ibikorwa bihambaye vy’Umwami Uhoraho, Nzovuga ukugororoka kwawe, mber’ ukwawe kwonyene. 17 Mana, ni wewe wanyigishije, uhereye mu buto bganje, Kugeza n’ubu ndacavuga ibikorwa vyawe bitangaje. 18 Mana, ntumpebe, kugeza no mu butāma bganje mmeze imvi; Ntarabarira ab’ igihe kizoza amaboko yawe, Ntarabarira abazovuka bose inkomezi zawe. 19 Mana, ukugororoka kwawe gushika hejuru kure: Ni wewe wakoze ibikomeye, Mana, ni nde ahwanye nawe? 20 Ni wewe watweretse amagorwa menshi akomeye, Uzokwongera uturabūre, Uzokwongera udukūre i bgina i kuzimu. 21 Unyongeranirize ubukuru, Uhindukire, unyirure. 22 Nanje nzogushimisha ikembe; Mana yanje, nzoshima ukuri kwawe: Ni wewe nzoririmbira ishimwe mvugira inanga, Ewe Wera w’Abisirayeli. 23 Iminwa yanje izonezerwa cane aho nzokuririmbira ishimwe; N’ubugingo bganje wacunguye buzonezerwa. 24 Kand’ ururimi rwanje ruzovuga ukugororoka kwawe burinde bgīra: Kukw abarondera kungirira nabi bishwe n’isoni batēterewe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi