Zaburi 7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Shigayoni ya Dawidi, yaririmbiye Uhoraho, kubg’ amagambo ya Kushi wo mu muryango wa Benyamini. 1 Uhoraho, Mana yanje, ni wewe mpungirako: Nkiza abampīga bose, ntabara. 2 Uriya ntanshishimure nk’ intambge, Ngw antabagure ata wo kuntabara. 3 Uhoraho, Mana yanje, namba naragenjeje ntyo, Namba har’ ukugabitanya mu maboko yanje, 4 Namb’ uwo twabana amahoro namwihōye inabi, Namba naranyaze umwansi wanje ndamuhōye ubusa, 5 Umwansi n’ampīge, anshikīre, Ego n’ahonyangire ubugingo bganje mw ivu, N’ashire icubahiro canje mu mukungugu. Sela. 6 Uhoraho we, hagurukana uburake bgawe, Wisidukire kurwanya ubushangashirwe bg’abarwanizi banje, Ni wikangurire kuntabara: ni wewe washinze urubanza. 7 Ishengero ry’amahanga ni rigukoranireko, Nawe uvyagire iyo hejuru. 8 Uhoraho acira amahanga imanza: Uhoraho, uncire urubanza rukwiranye no kugororoka kwanje, n’ukuri kuri muri jewe. 9 Ububi bg’abanyakibi ni bushire, arikw abagororotsi ubashigikire: Kukw Imana igororoka ari yo isesa imitima n’imishaha. 10 Inkinzo yanje ifashwe n’ Imana, Ni yo ikiza abafise imitima itunganye. 11 Imana n’umucamanza agororoka, Mbere n’Imana ishavura imisi yose. 12 Umuntu n’atihana izokarisha inkota yayo; Umuheto wayo imaze kuwufora, irashize mu ruge. 13 Kand’ imaze kumwitegurira ivyo kumwica, Imyampi yayo iyidometsek’ umuriro. 14 Ehe rāba, uwo we aramukwa ukugabitanya, Mber’ inda yasamye n’ukugira nabi, avyara ibinyoma. 15 Yimvye icobo arakibirikiza, Agwa mu mugazo yagazuye. 16 Kugira nabi kwiwe kuzomugaruka ku mutwe, Umuryano wiwe uzogwa mu gahanga kiwe. 17 Nzoshima Uhoraho nk’uko bibereye ukugororoka kwiwe, Nzoririmba ntazira izina ry’ Uhoraho asumba vyose. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi