Zaburi 51 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Iyi Zaburi yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi, yanditse hamwe uwavugishwa n’Imana Natani yaza kuri we, Dawidi amaze gusambana na Batisheba. 1 Ngirira ikigongwe Mana, kubg’ imbabazi zawe: Kubg’ isinzi ry’imbabazi zawe usibanganye ibicumuro vyanje. 2 Unyuhagire rwose ukugabitanya kwanje, Unyoze icaha canje. 3 Kuko nzi ibicumuro vyanje, Icaha canje cama imbere yanje na ntaryo. 4 Ni wewe, ni wewe ubgawe, nacumuyeko, Nakoze ikibi mu nyonga zawe: Vyabaye birtyo kugira ng’ uboneke k’ugororotse ni wavuga, Kand’ uboneke k’uroranya ni waca urubanza. 5 Rāba, nabumbanywe ukugabitanya, Mu vyaha ni ho mama yamvyariye. 6 Rāba, ugomba ukuri hirya mu mutima, Mu bgigobeko bgawo uzommenyesha ubgenge. 7 Unyezeshe ezobu, ndera: Unyuhagire ndaba derere kurusha uko shelegi yera. 8 Unyumvishe umunezero n’ uguhimbarwa, Kugira ngw amagufa wavunnye anezerwe. 9 Hisha inyonga zawe ivyaha vyanje, Usibanganye ibigabitanyo vyanje vyose. 10 Mana, undememw’ umutima utunganye: Unsubizemw’ umutima uhamye. 11 Ntunte kure yo mu nyonga zawe, Ntunkūreko Mpwemu wawe Yera. 12 Unkomōrere umunezero w’ agakiza kawe; Unshigikirishe umutima ushize icīra. 13 Ni ho nzokwigisha inzira yawe abacumura, Abanyavyaha baguhindukirire. 14 Unkize umwenda w’amaraso y’umuntu, Mana, we Mana y’agakiza kanje; Ni ho ururimi rwanje ruzorenza ijwi ruririmba ukugororoka kwawe. 15 Mwami, teranura iminwa yanje, Ni ho akanwa kanje kazokwamamaza ishimwe ryawe. 16 N’uk’ utanezererwa ibimazi, mba mbigushikaniye: Ntuhimbarwa n’ibimazi vyoshejwe. 17 Ibimazi Imana ishikanirwa n’umutima umenetse; Umutima umenetse, ujanjaguwe, Mana, ntuzowukēngēra. 18 Ugirire neza i Siyoni, nk’uko haguhimbara; Wubake inzitiro z’amabuye z’i Yerusalemu. 19 Ni ho uzonezerwa n’ibimazi bitunganye, ni vyo bimazi vyoshejwe, n’ibimazi vyoshejwe bidasonōye; Ni ho bazoshikanira amamasa ku gicaniro cawe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi