Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zaburi 5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Iyi Zaburi yahawe umukuru w’abaririmvyi: baririmbishe Nehiloti. N’iya Dawidi.

1 Uhoraho, tegera ugutwi amajambo yanje, Ushire umutima ku majojwa yanje.

2 Bangira ugutwi ijwi ry’ugutakamba kwanje, Mwami wanje, Mana yanje: Kukw ari wewe nsenga.

3 Uhoraho, mu gitondo uzokwama wumva ijwi ryanje: Mu gitondo nzokwama nerekeza ugusenga kwanje kuri wewe, nderetse.

4 Kuk’ utar’ Imana y’intambirakibi; Umunyakibi ntazobana nawe.

5 Abībona ntibazohagarara mu nyonga zawe: Wanka inkozi z’ibibi zose.

6 Uzohonnya abanyabinyoma: Uhoraho yanka urunuka umwicanyi n’ingunge.

7 Ariko jeho, ubginshi bg’imbabazi zawe buzonyinjiza mu ngoro yawe, Nzokwikubita hasi nsenge nkwubashe, nerekeye urusengero rwawe rwera.

8 Uhoraho we, undōngōre mu kugororoka kwawe, kubg’ abandyamiye, Utumbereze inzira yawe imbere y’amaso yanje.

9 Kukw ata kuri kuri mu kanwa kabo; Imbere muri bo n’imanga, Imihogo yabo n’imva zirangaye, Bahemanisha indimi zabo.

10 Mana, batsindishe, Iyabo migabo n’ibatemvye, Ubahinde kubg’ ubginshi bg’ ibicumuro vyabo, Kuko bakugararije.

11 Ni ho abakwishimiye bazonezerwa, Umunezero uzobatera guhora bashira amajwi hejuru, kuk’ ubakīngiye, Kandi n’abakunda izina ryawe bazonezererwa muri wewe.

12 Kuk’ uzoha umugororotsi umugisha: Uhoraho uzomukikiza imbabazi nk’inkinzo.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan