Zaburi 44 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Iyi Zaburi yahawe umukuru w’abaririmvyi. N’iya bene Kora, yo kwigisha. 1 Mana, twariyumviye n’amatwi yacu, ba sogokuruza bacu batubariye Ibikorwa wakoze mu gihe cabo, mu gihe ca kera. 2 Wasohoje amahanga ukuboko kwawe, ariko bo urahabagerēra; Wateye amoko amarushwa, uca ugasāza bano. 3 Kukw atar’ iyabo nkota yabahaye kwegukira igihugu, Kand’ atar’ ukwabo kuboko kwabakijije: Ariko n’ikiganza cawe c’i buryo n’ukuboko kwawe n’ umuco wo mu nyonga hawe, Kuko wabakunze. 4 Mana, ni wewe Mwami wanje: Gerera agakiza aba Yakobo. 5 Ni wewe uzoduha kwirenza abansi bacu: Izina ryawe ni ryo rizoduha gusiribanga abadukūriye hasi. 6 Kuk’ umuheto wanje atari wo nzokwishimira, Kand’ inkota yanje atari yo izonkiza. 7 Ariko ni wewe wadukijije abansi bacu, Watētereje abatwanka. 8 Imana ni yo twirata umusi ukīra, Kandi tuzoshima izina ryawe ibihe bidashira. Sela. 9 Ariko noneho wadushiburiye kure, waduteye gukēngērwa, Kandi ntugitabarana n’ingabo zacu. 10 Watumye abansi bacu badukimiranya, Abatwanka baratwinyagira. 11 Wadutanze nk’intama z’imbāgwa, Wadushwiragirije mu mahanga. 12 Ugura abantu bawe ubusa, Kand’ ibiguzi vyabo ntiwabironsemw’ inyungu. 13 Uduhindura ruvumwa ku babanyi bacu, Agatwengo no gucokorwa ku badukikije. 14 Watugize iciro ry’imigani mu mahanga, Abo kuzungurizwa imitwe n’ amoko. 15 Ubugene nkēngeretse bunyama imbere umusi ukīra, Isoni zo mu maso hanje zirantwikiriye, 16 Kubg’ ijwi ry’ūtongana, agatukana, Kubg’ umwansi n’umuhōzi. 17 Ivyo vyose vyadushitseko; ariko ntitwakwibagiye, Kandi ntitwavuye mw isezerano ryawe. 18 Imitima yacu ntiyasubiye inyuma, Intambuko zacu ntizatirimutse ngo zive mu nzira yawe, 19 Nawe ng’utuvunagurire ahantu h’imbgebge, Ukadutwikiriza igitūtu c’urupfu. 20 Namba twaribagiye izina ry’ Imana yacu, Canke tukaya amaboko imbere y’iyindi mana, 21 Mbeg’ Imana ntizobisuzuma? Kukw izi amabanga yo mu mutima. 22 Mbere twirirwa twicwa bakuduhōra, Twagereranijwe n’intama z’ imbāgwa. 23 Ibambure Mwami, n’iki kigusinzirije? Vyukuruka, ntudushiburire kure ibihe bidashira. 24 N’iki gituma upfuka mu nyonga hawe, Ukibagira amarushwa yacu no guhahazwa kwacu? 25 Kuk’ ubugingo bgacu bgunamitswe bugashika mu mukungugu, Inda yacu yamatanye n’ivu. 26 Kūra hasi, udutabare, Uducungure kubg’ imbabazi zawe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi