Zaburi 43 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Mana, uncire urubanza, umbūranire n’ihanga ritagira imbabazi: Unkize ingunge n’ūdambikanya. 2 Kw ari wewe Mana mpungirako, n’iki catumye unta kure? N’iki gituma ngenda ngandaye kubg’ agahahazo k’abansi banje? 3 N’urungike se umuco wawe n’ukuri kwawe, bindōngōre: Biniane ku murwa wawe wera, No mu mahema yawe. 4 Maze nzoja ku gicaniro c’ Imana, Ku Mana, ni yo munezero uzana ibinezaneza vyanje; Ngutazirishe inanga, Mana, wewe Mana yanje. 5 Mutima wanje, n’iki gitumye wicurikīra? N’iki gitumye umpagararamwo? Ni wishimire Imana, kuko na none nzosubira kuyihimbaza, Ni yo gakiza ko mu maso hanje, n’Imana yanje. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi