Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zaburi 43 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mana, uncire urubanza, umbūranire n’ihanga ritagira imbabazi: Unkize ingunge n’ūdambikanya.

2 Kw ari wewe Mana mpungirako, n’iki catumye unta kure? N’iki gituma ngenda ngandaye kubg’ agahahazo k’abansi banje?

3 N’urungike se umuco wawe n’ukuri kwawe, bindōngōre: Biniane ku murwa wawe wera, No mu mahema yawe.

4 Maze nzoja ku gicaniro c’ Imana, Ku Mana, ni yo munezero uzana ibinezaneza vyanje; Ngutazirishe inanga, Mana, wewe Mana yanje.

5 Mutima wanje, n’iki gitumye wicurikīra? N’iki gitumye umpagararamwo? Ni wishimire Imana, kuko na none nzosubira kuyihimbaza, Ni yo gakiza ko mu maso hanje, n’Imana yanje.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan