Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zaburi 42 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


IGITABO CA KABIRI
Iyi Zaburi yahawe umukuru w’abaririmvyi: n’iya bene Kora, yo kwigisha.

1 Nk’ukw impongo ihuzagizwa yifuza imigezi, Ni k’umutima wanje uhuzagizwa ukwifuza, Mana.

2 Umutima wanje ugirira Imana inyota, Imana nzima: Nzoza ryari ngo nseruke mu nyonga z’Imana?

3 Amosozi yanje ni yo yambereye ivyo kurya ku murango no mw ijoro, Bakarenza izuba bambaza, bat’ Imana yawe iri hehe?

4 Ibi ndavyibuka, umutima ukantunturira mu nda, Ingene najana n’ishengero, mbajana mu ngoro y’Imana, Tugendana ijwi ry’akanyamuneza n’ishimwe, tur’ ikoraniro rigize umusi mukuru.

5 Mutima wanje, n’iki gitumye wicurikīra? N’iki gitumye umpagararamwo? Ni wishimire Imana, kuko na none nzosubira kuyihimbariza Agakiza kava mu nyonga hayo.

6 Mana yanje, umutima wanje uricurikiriye: Ni co gituma nkwibuka ndi mu gihugu ca Yorodani, No ku misozi ya Herumoni, no ku musozi Mizari.

7 Idamba rihamagara irindi damba, kubgo kubomborana kw’amasūmo yawe: Imipfunda yawe yose n’imikuba yawe yose birandengeye.

8 Uhoraho angerera imbabazi ziwe ku murango, No mw ijoro indirimbo yiwe yamana nanje, Ni yo nsengesha Imana y’ ubugingo bganje.

9 Nzobaza Imana, igitandara canje, nti N’iki gitumye unyibagira? N’iki gituma ngenda ngandaye kubg’ agahahazo k’ abansi banje?

10 Abansi banje bantuka nk’abanjanjagura amagufa, Bakarenza izuba bambaza, bat’ Imana yawe iri hehe?

11 Mutima wanje, n’iki gitumye wicurikīra? N’iki gitumye umpagararamwo? Ni wishimire Imana kuko na none nzosubira kuyihimbaza, Ni yo gakiza ko mu maso hanje, n’Imana yanje.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan