Zaburi 40 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Iyi Zaburi yahawe umukuru w’abaririmvyi. N’iya Dawidi. 1 Narorereye Uhoraho nihanganye; Antegera ugutwi, yumva ugutakamba kwanje. 2 Kand’ ankūra mu rwobo rw’ amahonero no mw ishayo y’ivyondo, Ashira ibirenge vyanje ku rutare, ashigikira intambuko zanje. 3 Kandi yashize indirimbo nsha mu kanwa kanje, ni yo shimwe ry’Imana yacu: Benshi bazobirāba, batinye, Bizigire Uhoraho. 4 Hahirwa umuntu ashira ivyizigiro vyiwe k’Uhoraho, Kandi ntahindukirire abībone, cank’ abizimagiriza mu binyoma. 5 Uhoraho, Mana yanje, ibikorwa bitangaje wakoze ni vyinshi, Bo n’ivyo wiyumvira kutugirira; Nta wogereranywa nawe. Nogomba kubidonda no kubivuga Birenze uko vyoharūrwa. 6 Ibimazi n’amashikanwa y’ifu ntivyaguhimbaye; Amatwi yanje urayazibūye: Ibimazi vyoshejwe n’ibimazi vy’ivyaha ntiwabigomvye. 7 Mperako ndavuga, nt’ Ehe ndaje, Mu muzingo w’igitabo ni ko vyanditswe kuri jewe: 8 Mpimbawe no gukora ivyo ugomba, Mana yanje; Mber’ ivyagezwe vyawe biri mu mutima wanje. 9 Namamaje ubutumwa bgiza bg’ukugororoka mw ishengero ryinshi: Sinzobuza iminwa yanje, Uhoraho, urabizi. 10 Sinnyegeza ukugororoka kwawe mu mutima wanje; Mvuga agakiza kawe, n’ingen’ ur’ uwo kwizigirwa: Imbabazi zawe n’ukuri kwawe simbihisha ishengero ryinshi. 11 Nawe ntunyime ukugira neza kwawe, ewe Uhoraho: Imbabazi zawe n’ukuri kwawe bize vyame binzigama. 12 Kukw ivyago vy’isinzi binkikije irya n’ino, Ivyo nagabitanije bimpambije, nkaba ntabasha kubona. Birengeye umushatsi wo ku mutwe wanje; umutima wanje wamvuyemwo. 13 Uhoraho we, emera kunkiza: Uhoraho, tebuka untabare. 14 Abashaka kunyica ngo banzimirize Bicwe n’isoni batētērwe: Abanezerezwa n’uko ngiriwe nabi Basubizwe inyuma bakēngērwe. 15 Abambgira bati Ha ha ha ha! Ibimāramāre bibajoreze. 16 Abakurondera bose bakunezererwe bahimbarwe, Abakunda agakiza kawe baze bame bavuga, Bat’ Uhoraho arahambaye! 17 Ariko jeho nd’ umugorwa, nd’ umukene: Yamar’ Uhoraho arambabara. Ni wewe mutabazi wanje n’ umurokozi wanje: Ntutebe Mana yanje. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi