Zaburi 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Iyi Zaburi yahawe umukuru w’abaririmvyi: bavugira inanga. Ni Zaburi ya Dawidi. 1 Unyishure uko ngutakambiye, Mana ukugororoka kwanje gukomokako. Wanshize ahagutse, aho nari nshugerejwe: Ngirira imbabazi, wumve ugusenga kwanje. 2 Mwa bana b’abantu, muzogeza hehe gutitura icubahiro canje? Muzogeza hehe gukunda ibitagira ikimazi no kwitwaririka ivy’ ibinyoma? Sela. 3 Ariko mumenye yuk’ Uhoraho yirobanuriye umukunzi wiwe, Uhoraho azonyumva uko ndamutakambiye. 4 Mwiyubare, ntimukore icaha: Mucuragize mu mitima yanyu muri ku mariri, mucereje. Sela. 5 Mutange ibimazi vy’ukugororoka, Muheze mwishimire Uhoraho. 6 Hariho benshi babaza, bati Ni nde azogira iciza atwereka? Uhoraho, utwakishirize umuco wo mu nyonga hawe. 7 Ushize akanyamuneza mu mutima wanje, Karuta ako bagira mu gahimbo k’amahonda na vino vyabo. 8 Nzokwama ndyama nsinzire ata co nicura, Kukw ari wewe wenyene, Uhoraho, umpa kuba amahoro. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi