Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zaburi 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Iyi Zaburi yahawe umukuru w’abaririmvyi: bavugira inanga. Ni Zaburi ya Dawidi.

1 Unyishure uko ngutakambiye, Mana ukugororoka kwanje gukomokako. Wanshize ahagutse, aho nari nshugerejwe: Ngirira imbabazi, wumve ugusenga kwanje.

2 Mwa bana b’abantu, muzogeza hehe gutitura icubahiro canje? Muzogeza hehe gukunda ibitagira ikimazi no kwitwaririka ivy’ ibinyoma? Sela.

3 Ariko mumenye yuk’ Uhoraho yirobanuriye umukunzi wiwe, Uhoraho azonyumva uko ndamutakambiye.

4 Mwiyubare, ntimukore icaha: Mucuragize mu mitima yanyu muri ku mariri, mucereje. Sela.

5 Mutange ibimazi vy’ukugororoka, Muheze mwishimire Uhoraho.

6 Hariho benshi babaza, bati Ni nde azogira iciza atwereka? Uhoraho, utwakishirize umuco wo mu nyonga hawe.

7 Ushize akanyamuneza mu mutima wanje, Karuta ako bagira mu gahimbo k’amahonda na vino vyabo.

8 Nzokwama ndyama nsinzire ata co nicura, Kukw ari wewe wenyene, Uhoraho, umpa kuba amahoro.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan