Zaburi 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Zaburi ya Dawidi y’igihe yahunga Abusalomu umwana wiwe. 1 Uhoraho we, ereg’ abarwanizi banje baragwiriye! Abangararije ni benshi. 2 Benshi baramvuga, Ngo Nta gakiza afise ku Mana. Sela. 3 Yamara wewe, Uhoraho, ur’ inkinzo inkīngira, Ur’ icubahiro canje, ni wewe ushira hejuru umutwe wanje. 4 Ijwi ryanje ritakambira Uhoraho, Na we akanyishura ari ku murwa wiwe wera. Sela. 5 Nararyama, ngasinzira, Nkīkangura, kuk’ Uhoraho ari we ampagarikiye. 6 Sinzotinya abantu ibihumbi vyinshi Vy’abankikije impande zose kugira ngo bantere. 7 Uhoraho we, haguruka: Mana yanje we, nkiza: Kuko wakubise abansi banje bose mu musaya, Wahongoye amenyo y’ababi. 8 Agakiza n’ak’ Uhoraho: Umugisha utanga ube ku bantu bawe. Sela. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi