Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zaburi 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Zaburi ya Dawidi y’igihe yahunga Abusalomu umwana wiwe.

1 Uhoraho we, ereg’ abarwanizi banje baragwiriye! Abangararije ni benshi.

2 Benshi baramvuga, Ngo Nta gakiza afise ku Mana. Sela.

3 Yamara wewe, Uhoraho, ur’ inkinzo inkīngira, Ur’ icubahiro canje, ni wewe ushira hejuru umutwe wanje.

4 Ijwi ryanje ritakambira Uhoraho, Na we akanyishura ari ku murwa wiwe wera. Sela.

5 Nararyama, ngasinzira, Nkīkangura, kuk’ Uhoraho ari we ampagarikiye.

6 Sinzotinya abantu ibihumbi vyinshi Vy’abankikije impande zose kugira ngo bantere.

7 Uhoraho we, haguruka: Mana yanje we, nkiza: Kuko wakubise abansi banje bose mu musaya, Wahongoye amenyo y’ababi.

8 Agakiza n’ak’ Uhoraho: Umugisha utanga ube ku bantu bawe. Sela.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan