Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zaburi 21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Iyi Zaburi yahawe umukuru w’abaririmvyi. N’iya Dawidi.

1 Uhoraho we! Umwami azonezerezwa n’inkomezi zawe. Ereg’ agakiza kawe azokanezererwa cane!

2 Wamuhaye ico umutima wiwe wifuza, Ntiwamwimye ico iminwa yiwe yasavye. Sela.

3 Kuk’ umusanganije imigisha y’ivyiza, Wamwambitse igitsibo c’izahabu nziza mu mutwe.

4 Yagusavye ubugingo, urabumuha, Ni bgo kuramba ibihe bitazoshira.

5 Ubgiza bgiwe ni bginshi kubg’ agakiza kawe, Icubahiro n’igitinyiro ubimushizeko.

6 Umugize icitegererezo c’ihirwe ibihe vyose, Umunejereje akaneza mu nyonga zawe.

7 Kuk’ umwami yizigira Uhoraho, Kubg’ imbabazi z’Ūsumba vyose ntazosegenyeshwa.

8 Ukuboko kwawe kuzoserangura ababisha bawe bose; Ukuboko kwawe kw’i buryo kuzoserangura abakwanka.

9 Uzobahindura nk’itanure ry’ umuriro mu gihe c’uburake bgawe, Uhoraho azobayongobeza mu burake bgiwe, Umuriro uzobatsontsomera.

10 Nawe uzohonnya imbuto zabo mw isi, N’uruvyaro rwabo mu bana b’abantu.

11 Kuko bagabiye kukugirira nabi, Bagīye inama badashobora gushitsa.

12 Uzotuma bagutera ibitugu, Uzoshira mu ruge rwawe utumbereje mu maso habo.

13 Uhoraho, ni wishire hejuru mu nkomezi zawe: Ni ho tuzoririmba dushima ububasha bgawe.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan