Zaburi 19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Iyi Zaburi yahawe umukuru w’abaririmvyi. N’iya Dawidi. 1 Ijuru ritāngāza icubahiro c’Imana, Itāzānure ryaryo rimenyekanisha igikorwa c’intoke zayo. 2 Umurango uvugana n’uwundi murango urudaca, Ijoro rimenyesha irindi joro ubgenge. 3 Nta majambo cank’ ururimi biriho, Ijwi ryavyo ntiryumvikana. 4 Umugozi ubigera ushika mw isi yose, Bo n’amajambo yavyo ku mpera y’isi. Muri vyo yashingiye izuba ihema, 5 Rimeze nk’umukwe asohoka ava mu nzu i we, Rinezerwa nk’umunyenkomezi ryiruka mu nzira yaryo. 6 Riturumbuka riva ku mpera y’ijuru, Rikajana inzira ishika ku yindi mpera yaryo, Nta kintu gihishwa indugumba yaryo. 7 Ivyagezwe vy’Uhoraho biratunganye rwose, bihēmbūra ubugingo, Ivyo Uhoraho yashingiye intahe n’ivyo kwizerwa, biha umutungu ubgenge. 8 Ivyagezwe Uhoraho yigisha biragororotse, binezereza umutima, Ivyo Uhoraho yageze n’ibitanduye, bihwejesha amaso. 9 Ukwubaha Uhoraho kuratunganye, kwamah’ ibihe bidashira, Amateka y’Uhoraho n’ay’ ukuri, aragororotse rwose. 10 N’ivyo kwifuzwa kuruta izahabu, naho zoba izahabu, nyinshi zitarimw’ inkamba: Bisōsa kurusha ubūki, n’umutsāma w’ikigigu utonyanga. 11 Kandi ni vyo bibūrira umusavyi wawe; Kuvyitondera harimw’ impēra nini. 12 Ni nde ashobora kwimenyakw amafuti? Ntumparūrekw ivyaha vyanyinyegeje. 13 Kandi wame uzigama umusavyi wawe sinze nkore ivyaha ibigirankana, Ntibize binganze: ni ho nzobona gutungana rwose, Sinzotsindwa n’urubanza rw’ icaha gikomeye. 14 Amajambo yo mu kanwa kanje, n’ivyiyumviro vyo mu mutima wanje, bize bishimwe mu nyonga zawe, Uhoraho, gitandara canje, mucunguzi wanje. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi