Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zaburi 16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Mikitamu ya Dawidi.

1 Mana unzigame: kukw ari wewe mpungiyeko.

2 Nabariye Uhoraho, nti Ni wewe Mwami wanje, Nta mugisha mfise atari wewe.

3 Abera bo mw isi Ni bo ntōre nnezererwa bonyene.

4 Amagorwa y’abakāba Uhoraho iyindi mana azogwira, Ibimazi vyazo vy’amaraso sinzobihereza ngo ndabisuke, Kand’ amazina yazo sinzoyavugisha iminwa yanje.

5 Uhoraho ni we mugabane w’umwandu wanje n’uw’ igikombe canje, Ni wewe ukomeza umugabane wanje.

6 Ubupfindo bgankubitiye amabango ahantu heza, Ni koko, mfise umwandu mwiza.

7 Ndahimbaza Uhoraho, umujanama wanje; Ni koko, umushaha wanje umpanūra mu bihe vy’ ijoro.

8 Nashize Uhoraho imbere yanje imisi yose; Kukw ar’ i buryo bganje sinzonyiganyizwa.

9 Ni co gituma umutima wanje uhimbarwa, ubgiza bganje bukanezerwa, Kandi n’umubiri wanje uzoba ahatagira inkomanzi.

10 Kuk’ utazoreka ubugingo bganje ngo buje i kuzimu, Kandi ntuzokundira Uwera wawe ngw az’ abore.

11 Uzondangira inzira y’ubugingo: Mu nyonga hawe ni ho har’ akanyamuneza kuzuye; Mu kuboko kwawe kw’i buryo hahora ibihimbaye ibihe bidashira.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan