Zaburi 16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Mikitamu ya Dawidi. 1 Mana unzigame: kukw ari wewe mpungiyeko. 2 Nabariye Uhoraho, nti Ni wewe Mwami wanje, Nta mugisha mfise atari wewe. 3 Abera bo mw isi Ni bo ntōre nnezererwa bonyene. 4 Amagorwa y’abakāba Uhoraho iyindi mana azogwira, Ibimazi vyazo vy’amaraso sinzobihereza ngo ndabisuke, Kand’ amazina yazo sinzoyavugisha iminwa yanje. 5 Uhoraho ni we mugabane w’umwandu wanje n’uw’ igikombe canje, Ni wewe ukomeza umugabane wanje. 6 Ubupfindo bgankubitiye amabango ahantu heza, Ni koko, mfise umwandu mwiza. 7 Ndahimbaza Uhoraho, umujanama wanje; Ni koko, umushaha wanje umpanūra mu bihe vy’ ijoro. 8 Nashize Uhoraho imbere yanje imisi yose; Kukw ar’ i buryo bganje sinzonyiganyizwa. 9 Ni co gituma umutima wanje uhimbarwa, ubgiza bganje bukanezerwa, Kandi n’umubiri wanje uzoba ahatagira inkomanzi. 10 Kuk’ utazoreka ubugingo bganje ngo buje i kuzimu, Kandi ntuzokundira Uwera wawe ngw az’ abore. 11 Uzondangira inzira y’ubugingo: Mu nyonga hawe ni ho har’ akanyamuneza kuzuye; Mu kuboko kwawe kw’i buryo hahora ibihimbaye ibihe bidashira. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi