Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zaburi 15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Zaburi ya Dawidi.

1 Uhoraho, ni nde azosembera mw ihema ryawe? Ni nde azogerēra ku musozi wawe wera?

2 N’ūgendera mu bitunganye, agakora ivy’ ukugororoka, Akavuga ukuri mu mutima wiwe.

3 Ūtarementanisha ururimi rwiwe, Ntagirire nabi mugenzi we, Ntakaze inkuru y’umubanyi wiwe.

4 Mu maso yiwe igihumbu kirakēngēretse, Ariko yubaha abatinya Uhoraho; Ico yarahiye naho comugirira nabi, ntiyirahuruza.

5 Ntagurānira amahera kuzohabga ay’ inyungu, Ntiyemera ingurire yo gutsindisha ūfise urubanza. Ūgenza artyo nta kizomunyiganyiza.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan