Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zaburi 149 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Haleluya! Ni muririmbire Uhoraho indirimbo nsha, Muririmbire ishimwe ryiwe mw ikoraniro ry’abakunzi biwe.

2 Abisirayeli banezererwe Iyabaremye; Abana b’i Siyoni bagirire akaneza Umwami wabo.

3 Bashimire izina ryiwe mu mvyino: Bamuririmbire ishimwe batamba agashako k’ingoma, bavugira inanga.

4 Kuk’ Uhoraho ahimbarwa n’ abantu biwe: Azoshariza abaciye bugufi abambike agakiza.

5 Abakunzi biwe bavugirize impundu mur’ ico cubahiro: Baririmbishwe n’akanyamuneza bari ku mariri yabo.

6 Ishimwe ryo gushira Imana hejuru ribe mu gahogo kabo, N’inkota ibe mu ntoke zabo,

7 Yo kwihōresha amahanga, No guhanisha amoko;

8 Bakabohesha abami bayo iminyororo, N’abaganwa bayo imirinda:

9 Kugira ngo babashitsekw iteka ryanditswe: Ivyo ni vyo bitera icubahiro abakunzi biwe bose. Haleluya!

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan