Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zaburi 148 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Haleluya! Mw ijuru ni mushime Uhoraho: Ni mumushimire ahasumba ijuru.

2 Yemwe mwa bamarayika biwe mwese, ni mumushime: Yemwe mwa ngabo ziwe zose, ni mumushime.

3 Yemwe zuba n’ukwezi, ni mumushime; Yemwe nyenyeri zaka zose, ni mumushime.

4 Yemwe majuru asumba amajuru, ni mumushime, Nawe mazi yo hejuru y’amajuru.

5 Ni bishime izina ry’Uhoraho, Kuko yageze bikaremwa,

6 Kandi yabihamangiye gushitsa ibihe bitazoshira; Yashinze icagezwe c’intahava.

7 Mw isi ni mushime Uhoraho, Yemwe bifi, namwe i bgina hose;

8 Namwe muriro n’urubura na shelegi n’igipfungu; Nawe muyaga w’igihuhuta, ushitsa ijambo ryiwe;

9 Namwe bisozi birebire n’uturambi twose; Namwe biti vyama bigatengengera, n’ibiti vy’amasederi vyose;

10 Namwe bikōko n’ibitungano vyose; Namwe ibikwega inda hasi n’ ibifise amababa;

11 Namwe bami bo mw isi n’ amahanga yose; Namwe abahambaye n’abacamanza bose bo mw isi;

12 Namwe misore n’inkumi; Namwe batāma n’abana:

13 Ni bishime izina ry’Uhoraho, Kukw izina ryiwe ryonyene ari ryo rishizwe hejuru: Ubukuru bgiwe buri hejuru y’isi n’ijuru.

14 Kandi yashize hejuru ihembe ry’abantu biwe, Ni ryo shimwe ry’abakunzi biwe bose, Ni bo Bisirayeli, ihanga yiyegereje. Haleluya!

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan