Zaburi 146 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Haleluya! Mutima wanje, n’ushime Uhoraho. 2 Nzokwama nshima Uhoraho nkiriho, Nzokwama ndirimbira Imana yanje ishimwe ngihumeka. 3 Ntimukishimire abahambaye, Cank’ umwana w’umuntu n’ umwe, ata co yoshobora gukiza. 4 Impwemu ziwe zimuvamwo, akisubirira mw ivu ryiwe; Uwo musi nyene imigabo yiwe igashira. 5 Hahirwa ūfise Imana ya Yakobo k’umutabazi wiwe, Akizigira Uhoraho Imana yiwe: 6 Ni we yaremye ijuru n’isi, N’ikiyaga n’ibiri muri vyo vyose; Agumya ukuri gushitsa ibihe bidashira. 7 Acira imanza impahazwa; Agaburira abashonje ivyo kurya. Uhoraho ni we abohora imbohe; 8 Uhoraho ni we ahumūra impumyi; Uhoraho ni we yēmesha abahetamye; Uhoraho ni we akunda abagororotsi; 9 Uhoraho ni we azigama inyambukīra; Ashigikira impfuvyi n’umupfakazi; Arikw inzira y’abanyakibi arayigoreka. 10 Uhoraho azohora ahangamye uk’ urunganwe ruzogenda rukurikira urundi, Imana yawe, Siyoni, izohora ihangamye ibihe vyose. Haleluya! |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi