Zaburi 143 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Zaburi ya Dawidi. 1 Uhoraho we, ni wumve ugusenga kwanje; tega ugutwi ukwinginga kwanje! Unyishure, kubgo kuba umwizigirwa kwawe, no kubgo kugororoka kwawe. 2 Kandi ntushire umusavyi wawe mu rukinja, Kukw ata wo mu bariho azotsindira mu nyonga zawe. 3 Kuk’ umwansi yahize umutima wanje; Akantsinda hasi akansiribanga; Yatumye ngerēra ahantu h’ umwiza nk’abāpfuye kera. 4 Ni co gitumye umushaha wanje undendebukiramwo, Umutima wanje ukūmirirwa muri jewe. 5 Nibutse imisi ya kera; Ndimbūra ivyo wakoze vyose: Ngereranya igikorwa c’amaboko yawe. 6 Nkwayira amaboko; Umushaha wanje ukugirira inyota nk’iy’ igihugu cūmāniwe. Sela. 7 Uhoraho, n’utebuke unyishure; umutima wanje urashiringitira; Ntumpishe mu nyonga hawe; Simmere nk’abamanuka baja muri rwa rwobo. 8 Mu gitondo unyumvishe imbabazi zawe, Kukw ari wewe nizigira: Ummenyeshe inzira nkwiye gucamwo, Kukw ari wewe ncurūrira umutima. 9 Uhoraho, nkiza abansi banje: Ni wewe mpungiyeko ng’ umpishe. 10 Unyigishe gukora ivyo ugomba, kukw ari wewe Mana yanje: Mpwemu wawe mwiza andōngōre mu nzira irashe. 11 Uhoraho, ungire muzima, kubg’ izina ryawe: Ukūre umutima wanje mu vyago kubg’ ukugororoka kwawe. 12 Kand’ urandure abansi banje kubg’ imbabazi zawe. Uhonnye abababaza umushaha wanje bose; Kuko nd’ umusavyi wawe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi