Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zaburi 141 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Zaburi ya Dawidi.

1 Uhoraho, ndagutakambiye: tebuka, uze aho ndi: Utege ugutwi ijwi ryanje, ni nagutakambira.

2 Ugusenga kwanje gushirwe imbere yawe nk’imibavu, N’amaboko yanje kuyatarika kube nk’ikimazi co ku mugoroba.

3 Uhoraho, shira umurinzi imbere y’akanwa kanje: Rinda umuryango w’iminwa yanje.

4 Ntuhindurire umutima wanje ku kibi na kimwe, Ngo mfatanye ibikorwa vyo kugabitanya N’inkozi z’ibibi: Noye gusangira na zo ibigemanije vyazo.

5 Umugororotsi ankubise, bizoba ar’ ukungirira neza; Ampannye, bizoba ari nko kunsīga amavuta ya elayo mu mutwe: Umutwe wanje woye kuvyanka. Ariko gusenga kwanje gukomeza kurwanya ivyaha vya ba bandi.

6 Abacamanza babo bazotembagarizwa mu manga, Ni ho abantu bazokwumviriza amajambo yanje, kukw aryoshe.

7 Nk’uk’ umuntu arima, agaca isemo, Ni kw amagufa yacu asābagiye ku munwa w’i kuzimu.

8 Uhoraho Bgirukiro, ni wewe mpanze amaso, Ni wewe nizigiye: ntunte ngo mbe ruhebga.

9 Undinde umutego banteze, N’ibigāmo vy’inkozi z’ibibi.

10 Abanyakibi abe ari bo bagwa mu rwabo ruriba, Ariko jeho mbisimbe.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan