Zaburi 139 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Iyi Zaburi yahawe umukuru w’abaririmvyi: n’iya Dawidi. 1 Uhoraho waransuzumye, urammenya, 2 Urazi iyicara ryanje n’īva hasi ryanje, Umenyera kure ivyo niyumvira. 3 Usorongora inzira zanje n’ iryama ryanje, Urazi iminyuro yanje yose. 4 Kukw ata jambo riza mu rurimi rwanje Wewe Uhoraho utararimenya rwose. 5 Unkikije inyuma n’imbere, Unshizek’ ukuboko kwawe. 6 Kumenya ben’ ukwo n’igitangaza ntobasha; Kuransiga, simbasha kugushikīra. 7 Mbega Mpwemu wawe nomuhungira hehe? Canke nohungira hehe mu nyonga hawe? 8 Nodūga nkaja mw ijuru, uriyo: Nokwisasira i kuzimu, eh’ uriyo. 9 Nokwābīra amababa y’umutwenzi, Nkagerēra ku mpera y’ikiyaga; 10 Aho na ho ukuboko kwawe kwohandōngōrera, Ukuboko kwawe kw’i buryo kwohamfatira. 11 Nokwibgira, nti N’ukuri umwiza ugira unyubikizeko, N’umuco unkikije uhinduke ijoro; 12 N’umwiza na wo ntugira ico woguhisha, Ariko mw ijoro habona nko ku murango; Umwiza n’umuco kuri wewe ni bimwe. 13 Kukw ari wewe waremye amafyigo yanje; Wanteranirije mu nda ya mama. 14 Ndagushimira yuko naremwe uburyo buteye ubgoba butangaje: Ibikorwa vyawe n’ibitangaza; Kand’ ivyo, umutima wanje urabizi neza. 15 Urukanka rw’umubiri wanje ntiwaruhishwa Hamwe naremerwa mu mpisho, Hamwe naremesherezwa ubgenge i bgina mw isi. 16 Nkir’ urusoro, inyonga zawe zarambona, Mu gitabo cawe handitswemw’ imisi yanje yose, Yashinzwe hatarabaho n’ umwe. 17 Erega Mana, ivyiyumviro vyawe n’ivy’ igiciro kuri jewe! Ereg’ igitigiri cavyo ni kinini! 18 Nobiharūra, vyoruta umusenyi mu bginshi: Nikangura nkiri kumwe nawe. 19 Mana, icompa ukica abanyakibi: Mva i ruhande, mwa bagwisha inkumbi mwe. 20 Bakuvugana icīra bacumura, Abansi bawe bavugira ubusa izina ryawe. 21 Uhoraho, mbega sinanka abakwanka? Kandi sinshavuzwa n’abagukūriye hasi? 22 Mbanka urwanko rwuzuye: Kuri jewe n’abansi. 23 Mana, nsuzuma, umenye umutima wanje, N’uncace, umenye ivyiyumviro vyanje, 24 Urābe yuko harih’ inzira y’ibibi yoba iri muri jewe, Undōngōrere mu nzira y’ ibihe bidashira. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi