Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zaburi 12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Iyi Zaburi yahawe umukuru w’abaririmvyi: bavugira inanga y’ijwi ritūza. Ni Zaburi ya Dawidi.

1 Uhoraho we, tabara: kukw abakwubaha baheze, Abo kwizigirwa bakennye mu bana b’abantu.

2 Bose barabeshana, umuntu wese na mugenzi we: Bavugisha iminwa ihemana n’imitima ibiri.

3 Uhoraho azokūrah’ iminwa yose ihemana, N’ururimi rwihayagiza:

4 Abāvuze, bati Tuzotsindisha indimi zacu, Iminwa yacu kw ar’ iyacu: ūtuganza ni nde?

5 Kubgo kunyagwa kw’umugorwa, kubgo kwitsa umutima kw’umukene, Ubu nyene ndahaguruka, ni k’Uhoraho agize, Ndashira uwo bakanira ahatagira inkomanzi.

6 Amajambo y’Uhoraho n’icuma gihiye: Ameze nk’ifeza iramuriye mu ruganda rwo mw isi, Ivugutiwe ibihetangabo ndwi.

7 Uhoraho, uzotuzigama, Uzodukiza ab’ iki gihe ibihe bidashira.

8 Abanyakibi bayerera impande zose, Iyo hashizwe hejuru abantu b’imburakimazi mu bana b’abantu.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan