Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zaburi 118 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ni mushimire Uhoraho yukw ari mwiza: Kukw imbabazi ziwe zamah’ ibihe bidashira.

2 Abisirayeli ni bavuge, Bat’ Imbabazi ziwe zamah’ ibihe bidashira.

3 Ab’ inzu ya Aroni ni bavuge, Bat’ Imbabazi ziwe zamah’ ibihe bidashira.

4 Abubaha Uhoraho ni bavuge, Bat’ Imbabazi ziwe zamah’ ibihe bidashira.

5 Hamwe nari mu mubabaro, nambaje Uhoraho: Uhoraho aranyitaba, anshira ahantu hāgutse.

6 Uhoraho ari mu ruhande rwanje, sinzotinya: Non’ umuntu yoshobora kungira iki?

7 Uhoraho ari mu ruhande rwanje, arantabara: Ni co gituma nzokwibonera abanyanka.

8 Kugira Uhoraho ubuhungiro kuri n’ikimazi Kuruta kwizigira abantu:

9 Kugira Uhoraho ubuhungiro kuri n’ikimazi Kuruta kwizigira abahambaye.

10 Amahanga yose yantanze irya n’ino; Mw izina ry’Uhoraho ndayarandura.

11 Yantanze irya n’ino, eka mbere yantanze irya n’ino, Mw izina ry’Uhoraho ndayarandura.

12 Yantanze irya n’ino nk’inzuki, Yahwamye nk’umuriro w’ amahwa, Mw izina ry’Uhoraho ndayarandura.

13 Nararirijwe cane kugira ngo ntembe: Maz’ Uhoraho arantabara.

14 Uhoraho ni we nkomezi zanje n’indirimbo yanje; Kandi yahindutse agakiza kanje.

15 Mu mahema y’abagororotsi har’ ijwi ry’impundu n’iry’ agakiza: Ukuboko kw’i buryo kw’ Uhoraho gukora ivy’ ubuhizi.

16 Ukuboko kw’i buryo kw’ Uhoraho gushizwe hejuru, Ukuboko kw’i buryo kw’ Uhoraho gukora ivy’ ubuhizi.

17 Sinzopfa, ariko nzobaho, Namamaze ibikorwa vy’Uhoraho.

18 Uhoraho yampannye bikomeye, Ariko ntiyangomoreye urupfu.

19 Njishurira ibirimba vy’ukugororoka, Ndabicemwo, nshime Uhoraho.

20 Ngiki ca kirimba c’Uhoraho, Abagororotsi ni bo bazogicamwo.

21 Ndagushima kuko wanyishuye, Ukampindukira agakiza.

22 Ibuye abubatsi bāgaye Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka.

23 Ivyo vyavuye k’Uhoraho, Kandi n’igitangaza mu maso yacu.

24 Uyu ni wo musi Uhoraho yashizeho; Turawunezererwako, tukawuhimbarirwako.

25 Dukize turakwinginze, ewe Uhoraho: Uhoraho turakwinginze, uduhe kugubga neza.

26 Hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho: Tubahezagiriye mu ngoro y’ Uhoraho.

27 Uhoraho ni we Mana, kandi yaduhaye umuco; Muboheshe ikimazi imigozi, Mukijane ku mahembe y’ igicaniro.

28 Ni wewe Mana yanje, nzogushima: Ni wewe Mana yanje, nzogushira hejuru.

29 Ni mushimire Uhoraho yukw ari mwiza: Kukw imbabazi ziwe zamah’ ibihe bidashira.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan