Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Zaburi 11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Iyi Zaburi yahawe umukuru w’abaririmvyi: ni Zaburi ya Dawidi.

1 Uhoraho ni we mpungirako. Mubaririra iki umutima wanje, Muti Hungira ku musozi wanyu nk’inyoni?

2 Kukw abanyakibi bariko barafora umuheto, Bashira umwampi mu ruge, Kugira ngo barasire mu mwiza abafise imitima itunganye.

3 Namb’ amatanguriro asambuwe, Ivyo umugororotsi yakoze vyapfuye iki?

4 Uhoraho ari mu rusengero rwiwe rwera, Uhoraho, intebe yiwe iri mw ijuru. Acacisha inyonga ziwe abana b’abantu, mu kigohe ciwe harabasuzuma.

5 Uhoraho asuzuma abagororotsi: Arik’ umunyakibi n’ūkunda umuryano, umutima wiwe urabanka.

6 Abanyakibi azobarekurirakw amakara yaka n’amazuku; Umuyaga w’indugumba uzoba umugabane mu gikombe cabo.

7 Kuk’ Uhoraho ar’ umugororotsi, kand’ akunda ivyo kugororoka, Abatunganye bazorāba mu nyonga hiwe.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan